UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Igisirikare ca Congo kivuga ko abantu barashwe n-igisirikare c-uburundi mu kiyaga Tanganyika ari abaco.

UBM News ads

Inyuma yaho buramatari w-intara ya Rumonge hamwe n-umuvugizi w-ubushikiranganji bw-umutekano batangarije ko igisirikare kirwanira mu mazi y-ikiyaga Tanganyika mw-ijoro ryo kuwa mbere rishira kuwa kabiri cishe abasuma babiri, Umuvugizi w-igisirikare ca Congo nawe yahavuye yemeza ko abo bantu babiri barashwe ari abasirikare b-ico gihugu basanzwe bacungera umutekano mu kiyaga Tanganyika.GRAND AFRICAN NEMO 2020 : Multiples exercices menés par le Commandant Ducuing avec la Marine congolaise

Nk-uko tubikesha ikinyamakuru Sos Medias Burundi,  n-uko ugutana mu mitwe hagati y-ivyo bisirikare bibiri vyatewe nuko hatabona mu kiyaga Tanganyika, ivyatumye  haba ukutuvugana neza hagati y-ivyo bisirikare bibiri. Mw-uko gutana mu mitwe y-izo mpande zibiri zatumye abasirikare babiri b-igihugu ca Congo bahasiga ubuzima hama uyundi afatwa mpiri n-igisirikare kirwanira mu mazi c-uburundi. Ibiganiro hagati y-ivyo bisirikare bibiri biriko biraba kugira uwo yafashwe ashobore kurekurwa ndetse asubizwe mu gihugu ciwe.

Naho biri uko, umwe mu ntwazangabo y-igipolisi c-uburundi yaganiriye na Sos Medias yemeza ko baravye ukwo abo bantu baje mu kiyaga k-uruhande rwegereye uburundi birerekana neza ko bari abasuma  bakunze kwibonekeza mu busuma bukorwa  mw-ico kiyaga . Umuvugizi w-igisirikare c-uburundi akaba ataco arashikiriza  kw-ivyo vyatangajwe n-umuvugizi w-igisirikare ca Congo.

 

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments