Igihugu c-uburundi ntigishobora gutera imbere mu gihe igisata c-abikorera utwabo kikimeze ukwo kiri ubu (Faustin NDIKUMANA)

0

Uwurongoye ishirahamwe PARCEM , ryiyemeje guhimiriza abarundi ngo bahindure ingendo amenyesha ko igihugu c-uburundi  kidashobora gutera imbere  mu gihe igisata c-abikorera utwabo kikimeze ukwo kiri ubu.  Faustin NDIKUMANA yabivuze kuri uyu wa kane mu kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru.Mr. Faustin Ndikumana: The financing of the elections constitutes an expenditure of sovereignty - RegionWeek

Uwo arongoye PARCEM asigura ko ikizingamitse igisata c-abikorera utwabo ari kubera ko abarwizatunga badafatwa kumwe kandi hategerezwa gushirwa imbere amahiganwa.  Ibindi avuga ni ibijanye n-ibura ry-umuyagankuba, ibiturire, hamwe n-ubucamanza bugoyagoya.

Faustin NDIKUMANA agirako  asaba  abari mu ntwaro guhaguruka  biboneka maze bagafasha abarwizatunga  kugira igihugu c-uburundi gishobore kuva mu  bukene kimazemwo imisi kirimwo.