Idini rya Isilamu rivuga ko rizokwubahiriza ingingo ya Leta isaba abategetsi bose kwubakana n-umuntu umwe.

0

Inyuma yaho ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu bugabishirije abategetsi bubatse bidaciye mu mategeko  ko bagiye guhagarikwa mu mabanga yabo,  Martin Ninteretse, umunyamabanga ntayegayezwa  muri ubwo bushikiranganji yemezako iyo ngingo izokora no kuba isilamu , naho idini ryabo ribemerera kugira abagore benshi.No photo description available.

Umuryango w-aba isilamu mu Burundi COMIBU uhamagarira aba isilamu kwubahiriza iryo tegeko nkuko ryashinzweho na Leta. Sheikh Ramadhan Ndikumana, umuhanuzi muri COMIBU asigura ko naho idini ry-aba isilamu ribemerera kugira abagore barenze umwe, bategerezwa kwubahiriza amategeko y-igihugu.

Tubibutse ko ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu buheruka kumenyesha aba buramatari bose  ko abajejwe intwaro bubatse bidaciye mu mategeko  hamwe n-abafise bahabara bagiye guhagarikwa mu mabanga yabo.