
Muri Somaliya, abasirikare badacana uwaka muri reta barasanye kuri uyu w’Imana ku murwa mukuru, Mogadishu, inyuma y’aho ibiganiro vyari vyaratanguye kw’itunganywa ry’amatora bihagarariye.
Abavyiboneye hamwe n’abanyagihugu baba mu gice vyabereyemwo bavuze ko uko kurasana kwabaye hagati y’abasirikare bayoboka Perezida Mohamed Abdullahi, hamwe n’abandi basirikare ba reta begamiye abatavuga rumwe n’ubutegetsi.
Uwabibonye atashimye ko amazina yiwe avugwa ku mvo z’umutekano wiwe, yavuze ko ibi vyabaye mu gihe abanyagihugu bari barangije amafungo ya Ramazani yo ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana.
Aboba bakomeretse canke bapfuye ntibaramenyekana.
Abategetsi ba reta hamwe n’abatavuga rumwe nayo ntibumvikana, kuva kw’itariki ya 12 y’ukwezi kwa kane. Ni itariki aho inama nshingamateka na nkenguzamateka zikoranye zafashe ingingo yo kwongereza ikiringo ca reta ihari iyindi myaka ibiri.
Perezida wa Somaliya yasinye itegeko ryo kwongereza ico kiringo ciwe co kuguma ku butegetsi ku musi wakurikiye iyo tariki.
Ambasaderi w’ubumwe bwa Buraya muri Somaliya, Nicolas Berlanga, yeteye akamo asaba abanyasomaliya kwirinda gusubiranamwo.
Abari mumyiyerekano bivugwa ko baririmba ngo: “Ntidushaka kwiyongeza manda. Ntidushaka Farmajo. Ntidushaka igitugu.”
Hassan Sheikh Mohamud yahoze ari perezida wa Somalia hamwe n’uwukuriye abatavugarumwe na leta Abdirahman Abdishakur bavuze ko ingabo zishigikiye leta zateye ingo zabo.
Mu vyo yatangaje kuri Twitter, Abdishakur yavuze ko uruhande rwiwe “rwaburiye ku gushira igisirikare muri politiki”
ONU n’izindi nzego z’umutekano kwisi ntizashimye iyo nyifato y’abasirikare ba somalia kuko ugwego gw’igisirikare ntigwari rukwiye kwivanga muvya politike.





Recent Comments