Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomePolitics«Ico gisirikare c'akarere nta nyishu kizozana muri Congo» Bivurwa na Alexis SINDUHIJE.

«Ico gisirikare c’akarere nta nyishu kizozana muri Congo» Bivurwa na Alexis SINDUHIJE.

Umukuru w’umugambwe MSD, Alexis SINDUHIJE amenyesha ko ingabo z’akarere ka Afrika y’ubuseruko zigiye kuja kugarukana amahoro mu gihugu ca Congo ataco zizoshikako kuko kubwiwe ngo ikibazo c’imirwi y’abitwaje ibirwanisho iri kurwanira ku butaka bwa Congo kizorangizwa n’inzira haky’ibiganiro gusa. Umunyepolitike SINDUHIJE abishikirije inyuma yaho umugambwe wiwe MSD hamwe na PPD-GIRIJAMBO bandikiye umukuru w’igihugu ca Kenya ari nawe arongoye umuryango wa Afrika y’ubuseruko bamusaba gushira imbere ibiganiro mu gutorera umuti ku kibazo c’umutekano muke urangwa muri Republika ya demokarasi ya Congo.Amakuru Avugwa Mu Burundi - #Burundi Mr Alexis Sinduhije Arongoye Umugambwe  MSD, Alexis Sinduhije Yagirizwa Na Reta Yu Burundi Kugira Uruhara My Mirwi  Irwanya Ubutegetsi Bw'umugambwe CNDD FDD. Gushika Nubu Alexis Sinduhije

MSD na PPD-GIRIJAMBO bavuga ko kugira imirwi irwanira muri Congo ikomoka mu Burundi ive kubutaka bw’ico gihugu, nuko biba ngombwa ko Leta y’uburundi yumvikana n’iyo mihari biciye mu nzira za politike.

«…Ni muri iyo ntumbero twamwandikiye kuko murabizi neza ibiriko birabera muri congo  na cane cane muri kivu y’amajepfo birafatanye n’ingorane ziri mu burundi . Mwibuke mu mwaka wa 2005 aho haboneka amatora meza mu Burundi , muri Congo amahoro y’arabonetse imyaka ireka cumi. Mwibuke neza muri kivu y’amajepfo ata mvururu zasubiye kuhavurwa CNDD-FDD itashe , nta ntambara zasubiye kuhavurwa. Zasubiye kuhavurwa ubutangura mu mwaka wa 2016 ari uko mu Burundi vyase. Mu gihe mu Burundi hazoboneka amahoro, Kivu y’amajepfo izoca itekana (…) ico gisirikare c’akarere nta nyishu kizozana muri Congo kubera erega ibisirikare vyamayo muri congo.Igisirikare co mu Burundi cama muri Congo, igisirikare ca Uganda kiri muri congo. None ayo mahoro ivyo bisirikare biriyo azoboneka gute?» Niko SINDUHIJE avuga.

Umunyapolitike Alexis SINDUHIJE co kimwe n’umugambwe PPD-GIRIJAMBO basaba perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta ko yogondoza Leta y’uburundi ikaza ikicirana n’abanyepolitike hakaba ibiganiro bizoshika ku matora meza atibwa maze abarundi babe aribo bonyene bitorera ababatwara.

 

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments