Sunday, January 29, 2023
HomeUmutekanoIbiziga umunani vy’abasirikare hamwe n’abarenga 20 bakomeretse baratahukanywe bavanywe i Congo.

Ibiziga umunani vy’abasirikare hamwe n’abarenga 20 bakomeretse baratahukanywe bavanywe i Congo.

Abasirikare b’uburundi umunani nibo batahukanywe ari ibiziga mw’ijoro ryo kuwa kabiri rishira uwa gatatu w’iyinga twaraye dusozereye, abarenga 20 nabo ni abakomerekeye mu ntambara zabahuje n’umuhari FNL wa Aloys Nzabampema mu ntara ya Kivu y’ubumanuko. Ibiziga vy’abo basirikare vyashizwe mu buruhukiro bw’ikambi ya DCA Passive bita Rwantanamo nayo abakomeretse bakaba bariko bavurirwa mu bitaro vya gisirikare hamwe no mu bindi bibanza bitandukanye biri mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru ava mu gisirikare c’uburundi , Avuga ko abo basirikare b’uburundi barikumwe n’abagenzi babo b’igisirikare ca Congo hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure batanye mu mitwe n’umuhari FNL wa Gen.Aloys Nzabampema mu bice vya Naombe na Bichaka, ni mu bumanuko bw’intara ya Kivu kuwa gatandatu no kuw’Imana w’indwi yaheze. Ayo makuru akemeza ko abasirikare b’uburundi umunani bazanywe mw’ijoro ryo kuwa kabiri rishira uwa gatatu, bakaba bazanywe n’abasirikare ba batayo ya 68 ya ATMIS bakaba bazananywe kandi n’abasirikare bakomeretse barenga 20 .
Ivyo biziga vy’abo basirikare bikaba vyashikirijwe mu buruhukiro bwa gisirikare buri mw’ikambi ya DCA Passive bita Rwantanamo iri mu rukaramo mu micungararo y’ikibuga c’indege ca Bujumbura. Abakomeretse nabo nyene ayo makuru abandanya amenyesha ko bariko bavurirwa mu bibanza bitandukanye birimwo ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge.

Bamwe mu basirikare bahasize ubuzima bashoboye kumenyekana harimwo intwazangabo y’ipete rya Major yitwa Nintunze hamwe n’abandi basirikare babiri aribo Isai Ntakirutimana hamwe na Augustin Nzoyisaba. Ayo makuru nyene akabandanya avuga ko abandi basirikare ba batayo ya 69 ya ATMIS bagiye muri Congo gutora abandi basirikare bakomeretse kuva ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu uheze.

Must Read

Urwanda rumenyesha ko umwansi umwe rudende rufise mu karere ari Congo...

0
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’urwanda yemeje ko muri aka karere ,igihugu c’urwanda gifise umwansi umwe rudende ari we Republika iharanira Intwaro rusangi ya Congo....