Ibiro vya ONU mu Burundi bigiye kwugara kuwa 31 Rusama.

0

Ibiro bikuru vy-intumwa idasanzwe y-ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi bigeye kwugara imiryango yaryo kuwa 31 Rusama 2021 nkuko vyaraye bimenyeshejwe kuruwu wa 9 Ndamukiza n-umunyamabanga mukuru wa ONU Ontonio Guteress.Burundi: le bureau local de l'ONU sommé de quitter le pays – NetAfrique.net

Ivyo biro vya ONU vyari vyashizweho mu Burundi inyuma y-uko mu mwaka w-2015  ico gihugu  cari cinjiye mu ntureka za Politike zitewe n-ikiringo ca gatatu c-umuhisi Petero Nkurunziza ciymirijwe n-abatavurwa rumwe bari mu mice itandukanye kigakwega imvururu nyishi aho abantu bagera 1200  bishwe, abagera ku bihumbi 400 barata izabo bahungira mu bihugu vy-akarere, abandi barafungirwa mu mabohero atandukanye yo mu gihugu, hakaba n-aba borejwe igufa ,abandi baraburwa irengero.

Nkuko vyatangajwe n-abahinga ba ONU bajejwe gukora ku matohoza k-uburundi, nuko nubu k-ubutegetsi bwa Perezida Ndayishimiye  ihungabana ry-agateka ka zina muntu ribandanya guhonyangwa  ko atacahindutse ahubwo hahindutse izina ry-uwutwara gusa.

Tubamenyeshe Ko ibiro vy-intumwa idasanzwe  ya  ONU mu burundi bigire vyugare inyuma y-ikiringo c-amezi atanu cari kihaciye igihugu c-uburundi caheruka kusaba Ontonio Guteress umunyamabanga wa ONU ko ivyo biro ry-iryo shirahamwe bitagikenewe mu Burundi ko vyokwugara kuwa 31 Kigarama 2020, mu nyuma izo mpande zose kwari zibiri zirumvikana ko habanza kuba kwitegura kw-iryo shirahamwe rikazokwugara kuwa 31 Rusama 2021.