Ibibazo bigiye gutunganywa ku bigisha bo kuva mu mwaka wa mbere gushika mu mwaka wa gatandatu w-ishure shingiro ngo sivyo gupima ubumenyi bwabo bafise, ahubwo ngo bizofasha Leta kumenya abigisha ikeneye. Vyatangajwe kuri uyu wa mbere na Victor Ndabaniwe arongoye ihuriro ry-amasendika y-abarimu, COSESONA. Ni mugihe umurwi w-igihugu ujejwe ibiganiro mu kazi CNDS wariko ushira ahabona ivyavuye mu biganiro vyabaye hagati y-ubushikiranganji bw-indero hamwe n-ayo masendika y-abigisha.
«Turakengurutse kandi yuko itegurwa ry-ikibazo kijejwe gukarihiriza ubwenge abigisha bo mu mashure shingiro mu bisata bitatu vyambere kigiye gukorwa kidakorwa n-abigisha gusa , ahubwo n-abajejwe kubafasha gutunganya imirimo na cane cane bamwe bita aba «maîtres responsables» babakwirikirana nabo bakazoba barikumwe nabo kugira vyukuri twumve ko atari ikibazo co kubapima ubumenyi ahubwo ari ikibazo co gufasha ubushikiranganji kurondera ivyirwa bibereye , ivyirwa vyotuma akanovera k-indero kagaruka , ivyirwa vyotuma ubushikiranganji bubona ibikenewe ku mashure haba mu bikoresho canke mu bakozi» Niko Ndabaniwe avuga ariko arashima ivyavuye mu biganiro vyabahuje n-ubushikiranganji bw-indero hamwe n-urunani arongoye COSESONA.
Recent Comments