Umushikiranganji wa mbere w’uburundi aheruka gutangaza ko abashomeri birirwa biyanikiye hagati mu gisagara ca Bujumbura ataco bariko bahakorera bagiye gufatirwa ibihano bikomeye bijanye no gukoreshwa ibikorwa vyo gusibura imifurege yazivye yo mu burere bwagiye bunanirana gukorwa. Kuba Abo bakunda kuja hagati mu gisagara ata buzi bahafise bariko bakoreshwa ibikorwa vy’inguvu bisahirize iterambere ry’igihugu ariko ntibiyumvirweko ngo bahabwe n’ikintu na kimwe , hari abibonamwo ko ataho bitaniye n’ubucakara bwakorwa mu gihe c’ubukoloni.
Mu gatondo ko Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 30 Nzero 2023, Abantu batari bake bafashwe n’igipolisi igihe bari hagati mu gisagara ca Bujumbura. Mu nyuma bahavuye barekurwa hasigara umwe. Igipolisi caciye kigenda guhitana abandi 24 bari bafashwe kuwa 27 na 28 Nzero 2023 baca burizwa imiduga y’igipolisi bajanwa mu bikorwa vyo gusanura ikibuga c’umupira w’amaguru citiriwe Intwari (cahoze citwa Prince Louis Rwagasore).
Umwe mu banyagisagara ca Bujumbura aba muri zone ya Kanyosha amaze imisi yumvise amakuru ko hari abantu bariko bafatwa bakajanwa gukoreshwa ibikorwa vy’inguvu bisahiriza iterambere ry’igihugu, ntarya umunwa wewe mu kunegura ukwo ico ciyumviro ca Leta ciyumviwe nabi ko ndetse umuntu yihweje neza aza gusanga ataho bitaniye n’ibikorwa vy’ubucakara vyakorwa mu gihe c’ubukoloni.
Izina ryiwe ni B.M twahisemwo kurihindura kumvo z’umutekano wiwe, agira ati:”Ibwirizwashingiro ry’uburundi riraturekurira gutembera ahari hohose, tukishira tukizana mu gihugu cacu hatarabwe ico umuntu ari, waba umutunzi, umukene, ufita akazi canke utakagira. Kunkoresha ibikorwa vy’inguvu ntungaburire canke umpe amahera ya bus yo gutaha , nukuri ntaho bitaniye n’ivyo ba sokuruza bakorewe mu gihe c’ubucakara bwakorwa n’abakoloni”
B.M akanegura nyabuna ukwo Leta iriko ivyitwaramwo mu gufata iyo ngingo wewe abona ko ari ugucinyiza abarundi bibereye mu bibazo vy’ubutunzi no kutagira ubuzi.
“Nkubu ufashe umuntu ari hagati mu gisagara ntuzi igituma ahari, ntuzi ko harivyo yajemwo kugira arabe ico yotahana co mugaburira umuryango wiwe. Jewe ndazi abantu bitwa abakomisiyoneri b’amazu bama birirwa harya musi ya posita biteze abantu baza kubahamagara babarangire amazu yo gupanga, none umuntu nkuyo wovuga ko ivyo yajemwo bitamutunze?Leta nirabe ukwo ibihugu vya Kenya na Uganda vyorohereza abashomeri mu kubaha umwidegemvyo wo kwibeshaho” niko B.M avugana n’agashavu kenshi.
Arongera ko ati :”Ndabona ntaho turiko tuva canke tuja kweli”
Recent Comments