UBM News ads
Wednesday, November 29, 2023
No menu items!
UBM News ads

Guinnée Connackry: Perezida Alpha condé yakuwe ku butegetsi n-igisirikare.

Kuva mu gatondo ko kuri uy-uw-Imana  mu gihugu ca Guinnée Connackry niho hatangura kwibonekeza ibiduga vy-intambara ku murwa mukuru w-ico gihugu uri I Connackry, niho mu nyuma haca hatangura kwumvikana amasase mu bice vyegereye ikirimba c-umukuru w-igihugu  Apha condé.COUP D'ETAT EN GUINEE-CONAKRY - Editions Le Pays

Abicishije ku mbonerakure, Umukuru w-abasirikare badasanzwe  bo mw-ico gihugu Lieutenat Colonel Mamady Doumbouya yatangaje ko uwararongoye ico gihugu Apha Condé aza yahagaritswe, ko ubu ari mu minwe y-umurwi w-abo basirikare badasanzwe bita Forces Spéciales.  Mw-ireresi yashizwe ahabona, vyabonetse  ko Perezida Alpha Condé aza yashizwe mu minwe y-abo basirikare bamwatse ubutegetsi.

Iryo hirikwa ry-ubutegetsi rishitse mu gihe ico gihugu ca Guinnée  kimaze amezi kiri mu ndyane za Politike zatewe n-ikiringo ca gatatu ca Perezida Condé.  Muri Ntwarante 2020, niho  yatunganya amatora yo guhindura ibwirizwashingiro  kugira yitoze ubwa gatatu. Imyiyerekano y-abanyagihugu biyamiriza ikiringo ca gatatu ciwe ntaco vyamubwiye, aho vyanatumye abantu batari bake bahasiga ubuzima .

Gushika ku mugoroba wo kuri uy-uw-Imana, Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres Hamwe n-umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye nibo bari bamaze kugira ico bavuga kw-iryo hirikwa ry-ubutegetsi aho bariteye ivyatsi  bongera basaba ko ibintu bisubira mu buryo hagakurikizwa ingendo iciye mu nzira ya demokarasi harekwe inzira y-igikenye.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments