Kuva mu gatondo ko kuri uy-uw-Imana mu gihugu ca Guinnée Connackry niho hatangura kwibonekeza ibiduga vy-intambara ku murwa mukuru w-ico gihugu uri I Connackry, niho mu nyuma haca hatangura kwumvikana amasase mu bice vyegereye ikirimba c-umukuru w-igihugu Apha condé.
Abicishije ku mbonerakure, Umukuru w-abasirikare badasanzwe bo mw-ico gihugu Lieutenat Colonel Mamady Doumbouya yatangaje ko uwararongoye ico gihugu Apha Condé aza yahagaritswe, ko ubu ari mu minwe y-umurwi w-abo basirikare badasanzwe bita Forces Spéciales. Mw-ireresi yashizwe ahabona, vyabonetse ko Perezida Alpha Condé aza yashizwe mu minwe y-abo basirikare bamwatse ubutegetsi.
Iryo hirikwa ry-ubutegetsi rishitse mu gihe ico gihugu ca Guinnée kimaze amezi kiri mu ndyane za Politike zatewe n-ikiringo ca gatatu ca Perezida Condé. Muri Ntwarante 2020, niho yatunganya amatora yo guhindura ibwirizwashingiro kugira yitoze ubwa gatatu. Imyiyerekano y-abanyagihugu biyamiriza ikiringo ca gatatu ciwe ntaco vyamubwiye, aho vyanatumye abantu batari bake bahasiga ubuzima .
Gushika ku mugoroba wo kuri uy-uw-Imana, Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres Hamwe n-umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye nibo bari bamaze kugira ico bavuga kw-iryo hirikwa ry-ubutegetsi aho bariteye ivyatsi bongera basaba ko ibintu bisubira mu buryo hagakurikizwa ingendo iciye mu nzira ya demokarasi harekwe inzira y-igikenye.
Recent Comments