Gén.Major Vladmir Frolov, intwazangabo y-uburusiya igira umunani yaricikwe muri Ukraine.

0

Gén.Major Vladmir Frolov, iyindi ntwazangabo y-uburusiya  yashinguwe kuri uyu wa gatandatu mu   mu gisagara ca Saint-Petersbourg  inyuma yo kwicirwa muri Ukraine. Ibinyamakuru vyo mu burusiya bimenyesha ko Frolov agize intwazangabo y-ipete nkiyo ya «Géneral» igira umunani yishwe kuva uburusiya butanguje intambara muri Ukraine kuwa 24 Ruhuhuma 2022. Bikaba vyatangajwe n-urubuga rw-ibinyamakuru vyo mu Burusiya Fontaka na Kommersant.The general's burial in St Petersburg this week

Umuhango wo gushingura  Frolov wabereye mw-itongo ry-abapfuye rya Serafimovsky, riri mu gisagara ca Saint-Petersbourg. Uwo muhango Waruhagarikiwe kandi n-uwurongoye ico gisagara , Alexander Beglov. Kubw-uwo mutegetsi arongoye ico gisagara, ngo Vladmir Frolov «yapfiriye ku rugamba rwo kurwanya umwansi w-umunya ukraine».

Ikinyamakuru kommersant co mu burusiya  congerako kikamenyesha ko Gén.Major Vladmir Frolov ari umwuzukuru w-umusirikare w-intwari yarwaniye ubumwe bw-abasovyetike  mu ntambara ya kabiri y-isi yose .

Abasanzwe bakwirikiranira hagufi intambara iriko ihuza uburusiya na Ukraine , babona ko kubona Moscou iriko ibura abasirikare b-intwazangabo nkabo biza gusigura ubuhinga budasanzwe no kwitanga kw-igisirikare ca Ukraine mu kwibasira uwo murwi w-intwazangabo kugira bize guca intege abasirikare batoya mu kubandanya urugamba barimwo.

 

Ivyegeranyo bimaze gusohoka gushika ubu nuko  kuva uburusiya butanguje intambara muri Ukraine bwoba bumaze kubura izindi ntwazangabo z-ipete rya «Colonel» zigera kuri