UBM News ads

Gelase Ndabirabe avuga ko bamwe mu bagendesha amakinga, Tuk-Tuk n-amapikipiki i Bujumbura boba bava i kuzimu bakaza guteza amasanganya.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w-Inama nshingamateka y-uburundi, Daniel-Gelase Ndabirabe  amenyesha ko bamwe mu bagendesha  ivyuma vyo kwunguruza abantu  mu gisagara ca Bujumbura arivyo:Tuk-Tuk, amakinga n-amapikipiki boba bava i kuzimu maze bakaza guteza amasanga  mu ntumbero yo kurondera amaraso menshi batwara aho i kuzimu.Gélase NDABIRABE

Mu butumwa bwa Vidéo yiwe bwabonetse ku rubuga rwa Twitter rw-inama nshingamateka y-uburundi arongoye, Gelase Ndabirabe avuga uku :«… kumbe bamwe bamwe  bashobora kuba bava i kuzimu , bashobora kuba bava i kuzimu!  None wewe woza gutwara Tuk-Tuk nta vyangombwa ufise  ntaki… ugaca ugonga abantu , amaraso urumva bagaca begeranya  bajana i kuzimu. Ivyo muvyitwararike ! Niyo mpamvu mvuga nti musenge cane!»

Uwo arongoye inama nshingamateka y-uburundi aratanga akarorero k-umuntu aheruka kumushingira intahe yuko hari bamwe baja i kuzimu kurangurirayo amapikipiki maze ngo bakayazana kuyakoresha akazi kwo kwunguruza abantu . Ndabirabe abivuga uku:« Hariya mu madini musenge cane kuko  hari uwatubwiye yuko ngo hariho umuntu yacuruza ama moto arenga amajana atatu yariko atanga témoignage nawe yagiye i kuzimu. Uyo muntu acuruza ayo ma moto amajana atatu  yari umukenyezi , uyo mukenyezi  ayo ma moto naho woyaturira  bukeye haba haje ayandi  majana atatu  canke arenga  kuko yava i kuzimu . Nuwo yabivuga ko uwo mukenyezi ariwe yamujanye i kuzimu ni umu pasitori kuburyo amaze kubivamwo yarasavye ngo bamusengere  nawe yabaye uwo kwigisha ibintu vy-Imana»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments