Ester na Emmy batuzaniye indirimbo nshasha

0

Abaririmvyi bakora hano mu burundi sabagabo gusa kuko n’abigeme barakora cane kandi ivyo bakoze bigakundwa cane,abaririmvyikazi babiri aribo ester na emy baherutse gukora indirimbo iryoshe cane,indirimbo bakoreye mu nzu ihinyanyura indirimbo ya master muzik,bayikorerwa n’umuhinyanyuzi masterland,indirimbo yitwa Honey
cover y'indirimbo honey ya ester na emmy

Nyuma yo gukora iyo ndirimbo iryoshe cane,twaramwegereye umuhinyanyuzi masterland yashoboye guhinyanyura iyo ndirimbo turamubaza ingene yabonye abo bigeme,Masterland akavuga ati:Ester na Emmy n’abigeme bashoboye kandi bafise ingabirano idasanzwe,barafise kazoza mu muziki nibabandanya babikora,bakabandanya bafise umwete nkuwo bafise muri kino gihe

Twongiza tubamenyesha ko Ester wewe asanzwe azi no kuvuza ibicurarangisho