Ikiyago kigizwe n’amajambo yuzuye urukundo (utujambo dusosa ni bumwe mu buryo bwifashishwa kugira ngo ushobore kunezereza uwukunda mu gihe muyaga kuko umutima ukunda uba ukeneye cane bene ayo majambo meza
Aha rero hari amwe mu majambo wobwira umukunzi wawe akanezerwa ariko ukoresheje umunwa wawe udakoresheje telefone canke inyandiko, kuko iyo wivugiye ijambo n’akanwa kawe bituma uwo uribwiye aryakirana umwizero.
Mu gihe ukoresha amajambo asosa, ubikore umutima uri hamwe, udatinya kuko utavyitondeye wosanga vyotuma uwo uyabwira abona ko uriko urabesha canke harico umuronderako.
Hano hari amajambo amwe amwe yogufasha kuryohereza uwo ukunda, ukamunyurwisha ko umwemera kandi nawe bikamukomeza mu rukundo.
Mu gihe muriko murayaga rimwe na rimwe umubwire uti :
Ivyo nkora vyose ni ukugira nzobane nawe ubuzima bwanje bwose,
Inzahabu zose na diyama ziri kw,isi ntivyogura urukundo umutima wanje ugufitiye.
Ni jewe navukiye kuzokumara amosozi nkakuryohera ukagubwa neza nkakuzungurutsa mu murima wanje w’urukundo
Urukundo rwawe rwarantwaye umutima.
Nabaye nk’umusazi kubera wewe
Sinshobora guhagarika ku kwiyumvira
Sinshobora na rimwe gutera agahinda umutima wawe canke mu maso hawe ngo hareke gutemba ibitwenge bisubirira amosozi.
Sinshaka kuvyuka kubera indoto nziza mbamwo hamwe nawe :
Iyo turi kumwe numva ntekanye.
Namaze kubona ibanga rikomeye muri wewe
Ndakunda cane kuyaga nawe
Ndakunda uburyo unkunda
Nshimira Imana yo yakunzaniye mu buzima bwanje
Ndipfuza kumarana nawe ubuzima bwanje bwose
Ico ari co cose nzosabwa ngo mbandanye kugumana nawe nzogitanga.
Naguhaye umutima wanje wose, umubiri wanje, n’ivyiyumviro vyanje vyose
Nzojana nawe ku mpera z’isi mu gihe uzoba ukinkunda
Sinshobora kukurutisha uyundi muntu uwariwe wese, amafaranga canke inzahabu.
Nzopfuma nca mu bikomeye vyose ariko mbane nawe.
Ndasaba Imana kugira ngo ikunzanire vuba hashoboka
Nzokwitangira muri vyose nihagira igishaka kukubabaza
Namba kugukunda ari icaha nzemera mbe umunyavyaha
Nimba urukundo ari ubuhumyi sinipfuza kwongera kubona umuco w’umunsi
Ubuzima ntagufise ni nko kuja kuryama warangiza ukarota nabi canke nturote neza
Kugukunda ni nko kwibera muri paradizo canke mw’ijuru
Kugukunda bindyohereza ubuzima
Gukundana nawe vyatumye umutima wanje wuzura ivyishimo n’umunezero
Umutima wanje uratemba amosozi iyo utari hafi yawo
Ni wewe rukundo rwanje, uri umutima wanje ni nawe buzima bwanje
Nta wundi muntu yonkunda nk’uko unkunda.
Nta kintu na kimwe cohagarika urukundo rwanje
Ooh rukundo rwanje uri mwiza kuri jewe
Uburyo unyambira n’uburyo unsoma (kisses) ni ivy’agaciro kurusha inzahabu
Kuyaga nawe ni nko kunywa ku muzabibu (Wine) uryohereye, ibi kandi nivyo nipfuza ibihe vyose
Igihe tumarana ni nk’urukino rwiza amahera adashobora kugura
Iyo turi kumwe ivyago vyanje vyose bica bihunga
Iyo nkwitegereje nkubonamwo umuntu w’agaciro
Amajambo ntabwo ahagije ngo ngusigurire ingene ndagukunda
Ni wewe muganwakazi canke umuganwa w’umutima (prince) wanje.
Uri indirimbo ituma umutima wanje uririmba
Ni wewe nari naripfuje mu buzima bwanje
Uri igice c’ubuzima bwanje gituma numva mbaye umuntu yuzuye
Ni wewe mugabo canke mugore w’indoto zanje
Ni wewe muntu anezereza cane namenye
Nta kindi nkwipfuzako kitari urukundo, amahoro n’ivyishimo
Watumye nuzura amahoro muri jewe
Watumye niyumva nk’umuntu w’agaciro
Ndumva nipfuza kugusoma kuva ku mutwe kugeza kw’ino
Umfata nk’umuganwa canke umuganwakazi bigaca bituma ngukunda n’umutima wanje wose.
Ni wewe muntu ugira imico n’imigenzo myiza nabonye kuva nabaho.
Urukundo rwawe rumeze nk’ibuye rinini ridashobora kumeneka
Urukundo rwawe ni rwiza sinshobora kwiyumvira kuja ahandi
Iyo untwengeye utuma amosozi yanza mu maso asubira iyo avuye.
Iyo unkojejeko intoke zawe numva ninjiye mu yindi si
Bene aya majambo y’urukundo ni menshi ku buryo uwoyadondora atayaheza, ikindi kandi buri muntu wese agira ayiwe abwira umukunzi wiwe kuko buri wese agira uburyo bwiwe bwo gukundana.
Urukundo rutagira amajambo meza barugereranya n’amata n’umurima w’amashurwe atavomereye kuko amajambo y’urukundo atuma umuntu ashobora kuvuga ikiri ku mutima, bigatuma kandi ubuzima buryoha bukamera neza
Gerageza kubwira uwo ukunda amwe muri aya majambo kandi ntihazogire uguhenda ngo yanka kubwirwa amajambo meza kiretse iyo uvuga ibitandukanye kure n’uko umeze kandi uze ugerageze ubwire umukunzi wawe amajambo akuvuye ku mutima, ivyo bizotuma uwo ukunda yumva akunzwe kurusha abandi bose.
Recent Comments