Congo: Umugabo yakekwako ubwicanyi yaraturiwe n-urwaruka rwo muri Uvira munyuma ahava araribwa, ivyahahamuye binasiga ubwenge abariko babiraba.

0

Nkuko tubikesha iradiyo Ijwi rya Amerika mu gisata kivuga ikinyarwanda n-ikirundi, ku musi wa gatandatu w-indwi twaraye turangije mu mugisagara ca UVIRA, uri m-uburasirazuba bwa Congo, urwaruka rwo mw-ico gisagara rwarafashe umugabo akekwa icaha co kwica umuvunjayi azwi kw-izina rya Shika Mutumoyi nikwo kuhava rumuturira hakoreshejwe igitoro co mubwoko bwa essence mu nyuma rurangije ruca rutangura kurya inyama z-uwo muntu be n-ubugari bw-uburobe.  Abariko babiraba batiˮ ni ishano kubona umuntu asigaye aribwa nabagenziwe abanje kwotswa ntaho twari bwakabibone kuva twakabaho‟ Uvira Ville - Home | Facebook

Inyuma yo kwica mu nyuma rugaturira uwo mugabo, urwo rwaruka rwafunze ibarabara rusaba ko ruhabwa Major Katembo jean- Pierre aheruka kwica umunyamategeko Aramba Odrigue amurashe ko yotangwa akicwa hakoreshejwe amabuye.

Nkuko bivurwa n-abanyagihugu batuye mw-uwo muji wa Uvira, ngo si iryambere mw-uwo muji urwaruka rwica umuntu munyuma rukamurya inyama. Ubuheruka  hari mu ntango z-umwaka w-2017 aho hari umuntu yiciwe I Kilibula aturiwe akekwa ko yishe muyobozi wa Banki hanyuma rumwe mw-urwo rwaruka ruramurya inyama ziwe n-umubugari bw-uburo.