Mw’itangazo ryashizwe ahabona kuruwu wa 30Ntwarante n’umuvugizi w’igisirikare ca Congo ahamagarira ibisirikare vy’ibindi bihugu vyo mu karere bikorere hamwe mu gutuza burundu imihari yitwaje ibirwanisho igisibije ikorerea k’ubutaka bw’ico gihugu yaba iyikomoka mw’ico gihugu canke iyituruka mu bindi bihugu bibanyi.
Nk’uko bibandanya bimenyeshwa na Gen. Major Kasonga Cimbangu Leon Richard umuvugizi wa FARDC, imihari iza ubwa mbere yo gutuzwa nayo ni iyi: ADF( umuhari w’iterabwoba ukomoka mu Buganda), FDRL( urwanya urwanda), FNL(urwanya uburundi) n’iyindi mihari myishi ikomoka mw’ico gihugu.
Tubamenyeshe ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ishami ryayo riraba ivy’impunzi riheruka gutabaza ko abantu bagera ku majana biri (200) aribo bamaze kwicwa mu burere bwa Benin a Ituri kuva mu ntango z’uy’umwaka w’2021 hatibagiwe abakomerekejwe, abanyurujwe be n’abahunze ubwo burere; Ubwo bwicanyi bukegekwa k’umuhari w’iterabwoba w’abaganda ADF .
Recent Comments