Hari kuri uyu wa mbere mu masaha ya satatu z-ijoro aho humvikana urwamo rw-inkoho zikomakomeye mu kiyaya ca Rusizi muri teritwari ya Uvira. Ni mu ntara ya kivu y-ubumanuko muri Republika iharanira demokarasi ya Congo (RDC). Urwo rwamo rw-izo nkoho rukaba rwatumye abanyagihugu bo muri komine Buganda , intara ya Cibitoke barara budaca bafise ubwoba ko batewe.Amakuru yari yahawe igisirikare ca Congo FARDC avuga ko wari umurwi w-aba Maï-Maï uri kumwe n-urwaruka rw-imbonerakure warushaka kwiba inka.
Nkuko tukesha ayo makuru ikinyamakuru Sos Medias Burundi ,Igisirikare ca Congo FARDC cemeza ko cari cahawe amakuru avuga ko urwaruka rw-imbonerakure rwari rwavuye i Burundi muri komine Buganda rwamaze gushika ku butaka bw-ico gihugu niko guca rero FARDC ihashika kare maze ibona kuburizamwo umugambi wo kwiba inka.
Umwe mu barongozi bo mu karere ka Ndunda arashimira cane abajejwe umutekano bo mw-ako gace kubona bashoboye kwigwanira uwo murwi waruje gutera ibirindiro vy-a basirikare kugira ushobore kwiba izo nka bitagoranye.
Ku ruhande rw-uburundi, Uwurongoye ikambi ya gisirikare ya 112 yo mu Cibitoke arahumuriza abanyagihugu bo mw-ako gace kegereye ikiyaya ca Rusizi kumviswemwo urwo rw-amasase ko urubibe rugabura uburundi hamwe na Congo rucungewe ata ngorane.
Recent Comments