Cibitoke= Ikiziga c-umuntu kimaze kwononekara caratowe k-umurwa mukuru w-iyo ntara.

0

K-umugoroba wo kuruwu wambere k-umurwa mukuru w-intara ya Cibitoke, niho habonwa ikiziga c-umuntu camaze kwononekara kinatanguye kunukira abariko bahita. Nikwo kuca babimenyesha abajejwe intwaro be n-igipolisi baca barahishikira kukuraho ico kiziga aho ngo atawamenye aho cajanywe ndetse ngo ntivyari vyoroshe kuhegera aho bariko bagishira mu muduga ico kiziga kiretse abo mu rwaruka rw-imbonerakure  rwegamiye umugambwe uri k-ubutegetsi CNDD-FDD nk-uko vyemezwa n-abanyagihugu bari ngaho.BurundiCrisis - Lundi 9 Avril 2018 -... - SOS Médias Burundi | Facebook

Abanyagihugu bo mw-ako gace katowemwo ico kiziga bamenyesha ko uwo muntu yiciwe ahandi mu nyuma aza kutabwa mw-ico kibanza.

Tubibutse ko intara ya Cibitoke iguma iza ubwa mbere mu ntara ziguma zitorwamwo ibiziga vyinshi vy-abantu na cane cane mu komine ya za Bukinanyana, Mabayi na Rugombo .Nkuko vyemezwa n-abanyagihugu bo mw-izo komine nuko abo batorwa ari ibiziga baba ngo biciwe ahandi munyuma baca bazanwa gutabwa mubwo burere, ikindi congera kubabaza abo banyagihugu ni ukuntu abajejwe intwaro n-igipolisi baca bihutira guhamba ivyo biziga hari kubanza kukorwa amatohoza hamenyekane uwishwe be n-abamwishe.