Thursday, June 8, 2023
HomeTrendingCibitoke: Ibiziga bine vy'intwazangabo mu gisirikare c'uburundi vyaratahukanywe bivanywe muri Congo.

Cibitoke: Ibiziga bine vy’intwazangabo mu gisirikare c’uburundi vyaratahukanywe bivanywe muri Congo.

Ibiziga bine vy’intwazangabo mu gisirikare c’uburundi baguye mu ntambara zikomeye zabahuje imirwi y’abarwanyi y’abarundi iri ahitwa Itombwe ni mu buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, vyaratahukanywe mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu. Ivyo biziga bikaba vyacanywe hakuno ya Rusizi ku ruhande rw’uburundi muri komine ya Buganda ni mu ntara ya Cibitoke.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sos Médias Burundi, Amakuru yatanzwe kw’ico kinyamakuru n’umwe mu basirikare b’uburundi ariko ativuze izina ku mvo z’umutekano wiwe amenyesha ko bagenzi we bari mu karuhuko inyuma y’imisi itanu bamaze barwana n’imirwi irwana maze niko kubasanga mu birindiro vyabo babagirako igitero gikomeye bituma hapfa abasirikare benshi na vyinshi vyononekaye. «Muri ico gitero, twarabuze intwazangabo zine bapfuye ubwo nyene» Niko uwo musirikare yabandanije abwira Sos Médias Burundi.

Abanyagihugu bo mu kiyaya ca Rusizi muri komine ya Uvira muri Congo bemeza nabo ko habaye imirwano ikomeye yahuje abasirikare b’uburundi barikumwe n’urwaruka rw’imbonerakure . Ivyahavuye bituma haba n’abanyagihugu b’aba congomani bakomereka ndetse hakabamwo batatu bakomeretse cane.
Ubuherutse, Aloys Nzabampema arongoye umuhari FNL yatangaje ko yarwanije abasirikare b’uburundi barikumwe n’aba congomani bari bateye ibirindiro vyabo muri ako gace . Yamenyesheje ko abarwanyi biwe bishe abasoda benshi bagira imbohe umusirikare afise ipete rya “caporal chef”.

Igisirikare c’uburundi kiri mu gihugu ca Congo ku mugaragaro kuva kuwa 15 Myandagaro 2022 mu ntumbero y’imigenderanire hagati vy’ivyo bihugu bibiri hisunzwe ivyo abategetsi b’uburundi bavuga. Ariko kiri mu kinyegero mu bumanuko bw’intara ya Kivu kuva muri kigarama 2021 gifashanijwe n’imbonerakure , ivyo uburundi bwagumye buhakana ko atangabo zabwo ziri muri Congo.h

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...