Burundi: Urupfu rwa Magufuli, Leta ya CNDD FDD igiye kuhahombera iki?

0

Dailynews

Inyuma yaho hatangarijwe urupfu rw,umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Dr JOHN POMBE MAGUFULI ,yabaye inkuru mbi ku bihugu vy’umuryango w,akarere ka afrika y’ubuseruko ico gihugu kisanzwe kirimwo ndetse binasohora amatangazo yo kuhoza abatanzaniya n’amabendera aramanugwa canke aduzwa kugera hagati.

Kimwe gusa, Leta y’I Burundi be n’umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD FDD boba baragize akababaro kadasanzwe nkuko umwe mw’uwo mugambwe yabitubwiye:” umugambwe wacu harya uraciwe umutwe eka ndetse n’ubutegetsi buhomvye kirumara mu karere”.

Nkuko bizwi kuva kera, umugambwe CNDD FDD uhereye ukiri mw’ishamba warashigikiwe cane n’igihugu ca Tanzaniya aha twovuga nko kuha ubuhungiro bamwe mu ndongozi  z’uwo muhari.

 Leta y’i Burundi be n’umugambwe uri k’ubutegetsi bungutse iki  k’ubutegetsi bwa Magufuli ?

Inyuma Y’intureka zadutse i Burundi mu mwaka w’ 2015 zitewe n,ukwitoza kwa gatatu kw’umuhisi perezida NKURUNZIZA, abarundi beshi  barahungiye mu gihugu ca Tanzaniya mu makambi atandukanye, mu nyuma ico gihugu caragize uruhara rudasanzwe ku mabi izo mpunzi zakorewe n’ubu zikiriko nkuko vyemejwe n,amashirahamwe atandukanye aharanira agateka ka zina muntu  mu vyegeranyo basohoye aho bemejeko Tanzaniya iriko ikorana n,ubutegetsi bahunze ngo batahuke kugira leta y’i Burundi ngo yereke amakungu ko umutekano n,amahoro ari vyose mu gihugu. Si n’ivyo gusa, biravurwa cane ko ubutegetsi bwa perezida Maghufuli bwafashije cane kugira ibiganiro vyasabwe n,akarere ka EAC vyahuza leta y,I Burundi n,abatavuga rumwe nayo biburizwemwo kandi ninakwo vyahavuye bigenda nkuko vyidozwe n’abatavuga rumwe na Leta y’uburundi .

None ubu Magufuli ashengeye abategetsi b’uburundi bagiye guhomba?

Leta y’Uburundi yagerageje  kwinjira mw,ishirahamwe ry,umuryango w,ibihugu vya afrika y’ubumanuko “SADEC”(southern African development community)ariko irankirwa naho Tanzaniya yagerageje kuyifasha bikanka . Leta y,uburundi yagirizwa  kukutubahiriza demokarasi n’agateka kazina muntu bituma yankirwa kwinjira mw,iryo shirahamwe  hari mu mwaka w’ 2017.Naho birukwo , bitumwe nuko Leta y,I Burundi ishashariye kwinjira muri SADEC kubw’inyungu nyishi ihabona   yohakura, biremezwa neza ko perezida Maghufuli yari yemeye gukora ibishoka vyose ko yovugira leta y’i Burundi mw’uwo muryango kugira ize yatinda yemererwa nanyabuja Tanzaniya isanzwe ifise igihagararo gikomeye mw’uwo muryango; ibitahavuye bikunda bitumwe n’ugushengera kwa nyakwigendera prezida John Pombe Magufuli.

Bamwe n’abandi bati ibintu bishobora guhindukana ubutegetsi bwa CNDD FDD bitumwe nuko umusubirizi wa Maghufuli  umupfasoni SAMIA HASSAN SULUHU batara mumenya neza ico arimwo, Ariko k’urundi  ruhande bati ntakizohinduka kuko hari ibihangange bikomakomeye m’umugambwe uri k’ubutegetsi CHAMA CHA MAPINDUZI (CCM) nivyo bifata ingingo zikomeye murabo harimwo uwahoze ari umukuru w’ico gihugu JAKAYA MRISHO KIKWETE uwo nawe biravurwa cane ko ari mubari bagenzi mpfampfe ba petero Nkurunziza.