Breaking News : Invura yaraye iguye mu Burundi, ibiziga birenga 60 ubu nivyo bimaze kuboneka

0

Imvura y’isegenya yaraye iguye, yaraye ihitanye abantu barenga 60 nk’uko bimwe mu biziga twavyiboneye, eka n’abandi bakaba babandanya gutorwa bamaze kwitaba Imana co kimwe n’abakomeretse eka n’abahahamutse kubera iyo mvura yaguye abantu bamaze kuryama.

Nk’uko bamwe mu miryango yabuze babitwiganiye, bavuga ko iyo mvura yatanguye kurwa nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, ariko amazi akaba yagiye guhitana abantu n’ibintu nk’inyuma y’isaha zine z’ijoro, mu gihe imiryango myinshi yari yamaze kuryama, eka bamwe bakavuga ko ayo mazi yabahwikiye bamaze gusinzira, aca aza arimwo amabuye menshi kandi manini manini.

Emmanuel Ndagijimana yabuze abana batanu

Emmanuel Ndagijimana umwe mu bavyeyi baraye babuze abana kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 9 Ruhuhuma uyu mwaka, avuga ko iyo mvura yaje nk’agasema. Ndagijimana avuga ko ku bana batandatu yavyaranye n’umupfasoni wiwe ubu asigaranye umwana umwe w’imyaka icenda. Iyo mvura igihe yagwa nk’uko yavyiganiye ikinyamakuru IGIHE, avuga ko yagerageje guhungisha abana ariko biranka. Amenyesha ko yateruye abana babiri, umupfasoni wiwe aheka umwe aterura uwundi, ariko iyo mvura irababatwara, eka n’uwari mu mugongo w’amezi atandatu, iyo mvura ikaba yaramumuhekuye, aratwagwa n’amazi. Ivyo biziga bitanu, bakaba bagiye barabitora ahatandukanye. Bamwe mu bitavye Imana batorwa mu Gatunguru, abandi mu quartier ya komine Kamenge.

Gushika kuri uyu mutaga wo kuri uyu wa mbere, ibiziga bikaba vyaguma biriko biratorwa umwe umwe aho usanga amazi ariko arakama. Muri iyo mvura nyene, hakaba hoba hitavye Imana n’abaporisi batatu bo ku kirindiro co mu Gasenyi nk’uko twabibwiwe n’abanyagihugu, vyongera biremezwa na bamwe mu baporisi twahasanze, aho bavuga ko iyo mvura yasituye ikirindiro, batatu bakaba boba baratwawe, baca baritaba Imana.

Abaporisi n’abasirikare b’igihugu bakaba bariko barafashanya n’abo mu mashirahamwe afasha imbabare gukura ibiziga mu mazu canke mu misozi. Amarira n’agahinda bikaba arivyo vyaranga abanyagihugu babuze ababo muri iyo mvura y’isegenya.

Saidi Juma umukuru w’igisagara ca Bujumbura

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yari aho habereye ako kaga, akaba yamenyesheje ko Reta iriko irita ku rutare, kugira bashobore gukura aboba bitavye Imana bakiri mu bibanza bitandukanye. Juma Saidi akaba yavuze ko ibitigiri vy’aboba bitavye Imana bitaramenyekana, ariko ko bariko barakorana n’amavuriro atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura, kugira ashobore kwitaho abantu bariko barajanwa ku bitaro boba bagihema, bakurikiranwe.

Bamwe mu bashikiranganji bagize Reta y’Uburundi bakaba nabo nyene bari bishikiye kuri ivyo bibanza bitandukanye vyaraye bihuye n’iyo ngorane y’imvura y’isegenya, bamwe mu bashingamateka n’abakenguzamateka, eka tukaba twanabonye na bamwe mu bahanuzi b’umukuru w’igihugu.


Bamwe bagize Reta y’Uburundi

Umushikiranganji w’umutekano Gaburiyeri Nizigama yari mubaje kugarukira kuri abo baraye bacitse amaboko, akaba yahojeje imiryango yabuze, ndetse aca amenyesha ko kubera ingorane z’ibibanza vy’uburuhukiro, abitavye Imana bose bahava bashinguranwa iteka kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 10 Ruhuhuma uyu mwaka, ndetse Reta ikaba ariyo ija gufata mu minwe ico kibazo.

Abanyagihugu bakaba basaba Reta kubagarukirako, kuko batagira aho bakika umusaya, eka kandi ntibagira n’impuzu zo kwambara co kimwe n’ivyo bafungura. Abana nabo, amakaye yaraye atwawe n’iyo mvura ubu ingorane kuri iyo miryango zikaba ari nyinshi, kandi zitandukanye.

Sources : Igihe Burundi