Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeNewsBiteye Ubwoba kandi ni umubabaro kubwuyu mukobwa arira amaraso burimusi !

Biteye Ubwoba kandi ni umubabaro kubwuyu mukobwa arira amaraso burimusi !

Kugeza ubu inkuru iriko irakwiragira cane mubitangazamakuru vyaha muri America niy’umukobwa wimyaka 20 arira amaraso.

uno mukobwa yitwa ”Yaritza Oliva ” kano kanya afite umubabaro udasanzwe kubona arira amosozi atandukanye nayabandi ariko Inkuru dutangarizwa nurubuga www.7sur7.be , ivuga yuko ivyo bintu bidasanzwe bishikira uyo mukobwa ko bivana nuko agira umubabaro mwishi cane bityo bigaca bituma iyo arize aca azana amosozi yamaraso.sad

Impuguke muvy’ubuzima zo zivuga ko uku kurira amaraso gushobora kuba guterwa n’uburwayi bw’amaso (EYE INFECTION) canke uburwayi bw’ukuntu amaso yiwe akora (ocular conjunctivitis).

Abaganga bo babifata nkivyoroshe ariko Oliva nyene ubwiwe abifata nkibikomeye cane bivanye nijambo bakunze kumubwira rivuga ati “Haemolacria”, rishatse kuvuga ngo: amarira y’amaraso, indwara ikomeye cane.

Mumuryango wa Oliva ubu bamaze kwihebura cane mbere ubu bakaba bashaka kwereka ko abaganga ataco bashoboye kuko umwana wabo bariko barapanga kumujana kuyundi muganga akomeye (specialist) kugirango barabe ko yakiza uyo mukobwa.

Nkuko ikinyamakuru 7sur7 co kibandanya kibitangaza bo bavuga ko Oliva atari we wa mbere uhuye n’iki kibazo kuko mu mwaka w’2009 habonetse umusore w’imyaka 15 uba hano muri Leta Zunze Ubumwe za’Amerika witwa Calvino Inman warira amaraso incuro 3 ku munsi.

Kugeza ubu abavyeyi buyo mukobwa bariko barasaba infashanyo babicishije ahantu henshi hatandukanye mbese babicisha no kuma Television yaha muri America, ariko UBMNews duhojeje uyo mukobwa kandi tukaba dusaba abantu mwese muza gusoma inonkuru ko mwabandanya musengera uno mukobwa kuko ikibazo yahuye kiramubujije amahoro cane.Posted by Eric Nyandwi.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments