Abarundi turashoboye ” iryo niryo jambo ryaharangwa muri ” Umoja Concert ” mu giteramo kidasanzwe giheruka kubera hano muri Leta zunze ubumwe za America mu gisagara ca Houston Texas.
Nkuko musanzwe mubizi ko ”UBM News ” kwarico kinyamakuru cambere c’abarundi gikunzwe cane ndetse gikorera hano muri Leta zunze ubumwe za America , uwo musi twari twashoboye kuhishikira kugirango dushigikire ndetse tuze tubamenyeshe uko ibikorwa vyose vyagenze uwo musi.
Iki giteramo kidasanzwe cakataraboneka ( Umoja Concert ) giheruka kubera muri Houston Texas kuruwu wagatandatu uheze igenekerezo rya munani ( March 08, 2014 ) nico cari citezwe n’abantu benshi uwo munsi ndetse kano kanya akaba ari naco kiriko kiravugwaho cane n’abarundi baba hano muri America bivanye n’ukuntu cakunzwe cane nabari bacitabiriye, ikindi naco nuko murico giteramo abaririnvyi b’abarundi ( Paterne Hica, Daddy Face, Babby jaymo hamwe n’abandi ) baririnvye uwo musi bashimishije abari ngaho ndese ubwabo bongera berekana neza ko bashoboye kuririmba.
UBM News twagerageje kuganira n’abamwe mu bari bitabiriye ico giteramo kugirango tubabaze uko ibintu babibona, aho abo twashoboye kuganira bose berekanye neza ko bari bavyishimiye ndese ko banezerejwe nico giteramo.
Umwe mubo twashoboye kuganira kuwagatandatu yagize ati : Jewe kubwanje mbona ibintu bimeze neza, abariririnvyi bose nabonye baza kuri Stage kuririmba bafise umunezero, ikindi naco nuko nanje ubwanje ndavyishimiye cane, uravye nkubu hariho nk’abaririnvyi ntarinzi ariko uno musi nabonye baririmba , hariho na bamwe mu baririnvyi nahora mbona mubinyamakuru hamwe n’indirimbo zabo kuri Youtube ariko ntari bwigere mbona amaso kumaso, uno musi rero nanje nabiboneye gusa vyovyo ico nosaba abateguye kino giteramo nuko bobibandanya kuko biratuma bimenyekanisha abaririnvyi , uwo rero akaba ariko yavuze mugihe yariko aragirana na UBM News.
Mukurangiza ino nkuru reka tubibutse ko mu bantu batumye benshi batahana umunezero udasanzwe ko ari abaririnvyi baririnvye uwo musi hamwe nabo bari bashize kuri Program, abo nabo akaba ari umuyobozi mukuru wa The SYUB SHOW ( Steven Raphael ) hamwe numwe mu bantu basetsa cane ” Comedian ” ( Nehemie Kwizera ), ikindi naco nuko iyo Concert yarimwo abaririnvyi bivyamamare batandukanye bazwi n’abarundi benshi cane baba hano muri America aho twovuga nka ” Aline Vyuka, Daddy Face, Paterne Hica, Babby Jaymo hamwe n’abandi benshi ” Igiteramo rero kuruwo munsi kikaba cagiye kurangira mu kanyamuneza ntangere abantu bose bataha banezerewe.
Raba amafoto y’ukuntu ibintu vyose vyagenze muri Umoja Concert .
Uyu numwe m’umuhari usanzwe uzwi kwizina ry’ABATARUTWA ” ino Group ukuntu batanvye vyanezereje abatari bake !
Uwo musi ibintu ntivyari vyoroshe pe ”umuririnvyi yari yaje ava muri New York ” Paterne Hica ” yariko araririmba nkuko mumubona hano !
Umuririnvyi ”Aline Vyuka ” yahawe umwanya aramutsa abari bitabiriye Umoja Concert ” hano yarari imbere ariko aravuga ijambo !
Uno ni umuririnvyi ” Daddy Face ” Ururirimbo yaririnvye ubwakabiri yaruririnvye avuga ko arutuye umukunzi wiwe basanzwe bakundana cane murino misi ” Anuarite Hica ”
Babby jaymo umuririnvyi yari yaje ava muri ”Arizona ” Sivyimbeshere uno muririnvyi yararirinvye neza !
Umuririnvyi Daddy Face uwo yambaye ipantaro yera arikumwe n’umuhinyanyuzi wama Video ” Young PDK ” uwo ari hagati , uwo wundi nawe ahereza akaba nawe nyene ari umuririnvyi yari yaje ava muri Amarillo, Texas .
Umurongozi mukuru wa UBM News ndikumwe numuyobozi afise ikiganiro gikunzwe cane ” The syub Show ” Steven Biko Raphel ” urya nawe yambaye ishati itukura niwe dufise hano mubarundi asetsa cane ( Comedian ) Nehemie kwizera
Umurongozi wa The SYUB SHOW ” Steven Raphel, umunyamakuru wa UBM News ” Eric Nyandwi ” hamwe numuririnvyi rurangiranwa ” Aline Vyuka.
Hano abarundi bari bitabiriye Umoja Concert Niho bari baparitse ama modoka yabo !
Steven Raphael ariko araganira n’umuririnvyi yari yaje ava muri New York ” Paterne Hica ”
Umuyobozi wa ” The SYUB SHOW ” Steven Raphael ariko araganira numurongozi mukuru ndetse akongera akaba n’umunyamakuru wa UBM News ” Eric Nyandwi
Kino giteramo ca ” Umoja Concert ” ntikizopfa cibagiwe kuko cagiye kurangira n’akanyamuneza ntangere abantu bose bataha banezerewe.
Recent Comments