Big Fizzo agiye kugaruka mu gihugu ciwe c’amavukiro

0

Mugani Desire abenshi bazi kw’izina rya Big Fizzo agiye kugaruka mu gihugu ciwe c’amavukiro nkuko amakuru ikinyamakuru cacu ubmnews dukesha uyo muririmvyi Big Fizzo

fizzo

Aganira na bamwe mu bamenyeshamakuru ba hano mu gihugu c’uburundi ,Fizzo akaba yamenyesheje ko akumbuye cane igihugu ciwe c’amavukiro,akanamenyesha ko kw’igenekerezo rya 14/5/2016 azoba yamaze kugaruka mu gihugu c’uburundi aho azomara ikiringo c’indwi akaca afata urugendo yerekeza mu gihugu c’ubwongereza aho azoba agiye gukora igiteramo muri ico gihugu,
Big Fizzo muri kino gihe akaba ari mu gihugu c’ubuganda aho yagiye gukorayo igiteramo na bamwe mu baririmvyi bakomeye muri ico gihugu aho twobabwira nka Chameleone,umugwio good lyfe hamwe n’abandi benshi

Tworangiza tubamenyesha ko Big Fizzo yaheruka mu gihugu c’uburundi imvururu zo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu zitaratangura