UBM News ads
Wednesday, November 29, 2023
No menu items!
UBM News ads

Bamwe n-abandi babona gute amajambo y-umwiheburo aguma ashikirizwa na Perezida Ndayishimiye?

Kuva ashikiriye ubutegetsi, Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye  ntahengeshanya kwidogera amabi atandukanye akorwa n- indongozi zifadikanije  nawe kuyobora igihugu .Akarorero ka hafi ni amajambo akomeye  yaraye ashikirijwe  kuri uyu wa 24 Myandagaro 2021 na Perezida Ndayishimiye aho yerekanye umwiheburo udasanzwe ku bibera mu rwego rw-ubutungane, binamutuma avuga ko aho ibintu bigeze abona yorira kugira abo bisangiye  kurongora igihugu bamugirire impuwe  n-ikigongwe mu ntumbero yo kwigaya no kwikebuka.Burundi's Evariste Ndayishimiye sworn in as new president - Xinhua |  English.news.cn

 Amajambo arimwo umwiheburo hamwe  n-imyidogo bimaze imisi bishikirizwa na Varisito Ndayishimiye yakirwa gute n-abarundi?

Bamwe mu banyagisagara ca Bujumbura ikinyamakuru UBM News caganiriye nabo bamenyesha ko amajambo ashirizwa n-umukuru w-igihugu c-uburundi yerekana ibizingamitse igihugu arongoye, ari meza cane ndetse ko banamuteye intege. Ariko bakabona ko habuze ishirwa mu bikorwa ry-ayo majambo yiwe. Kubw-abo banyagisagara ca Bujumbura babona ko Perezida Varisito Ndayishimiye yokwerekana ico ashoboye nka kizigenza w-abarundi  kugira akosore ivyo amaze imisi yerekana ko bitagenda neza maze igihugu kize catera imbere.

Uwahoze ari icegera c-umukuru w-igihugu  c-uburundi Frederic Bamvuginyumvira ahanura Perezida Ndayishimiye guhagara magabo agafata ingingo nk-umukuru w-igihugu. Ivyo navyo bigasaba ko haba ugutandukanya kw-inzego z-igihugu maze zigakora mu bwigenge  nta ngere.

ˮubutegetsi bwa CNDD-FDD bwararetse aba CNDD-FDD bakore ukwo bashaka mu gihugu na cane cane aho bazaniye zirya mbonerakure . ivyo Perezida Ndayishimiye arabizi ari umuyobozi mwishikira kwa perezida Nkurunziza, ari umunyamabanga mukuru w-umugambwe CNDD-FDD ni ukuvuga rero si bishasha . kuvuga ko yidoga imbere yabo bacamanza nabo babona ko atavyo bashoboye. Jewe mbona nomwereka inzira yocamwo kugira ivyo bintu bitorerwe umuti: ukwumva yuko uburundi bwari bwinjiye mu nzira ya demokarasi mu gukura mu nzira iciyumviro c-umugambwe umwe, kuko umugambwe umwe ni akaga ku gihugu.  Ikindi nuko ategera y-uko CNDD-FDD ibwirizwa gutandukanya ubutegetsi ni ukuvuga abashingamateka ntibagenwe n-umugambwe ngo barabe barya bantu bazoborohera gukoresha ataco bazomarira abanyagihugu. Hanyuma abacamanza nabo barafise ubushobozi  n-ububasha bwoguca imanza neza muga bakoreshejwe n-ubutegetsi bahengamira iyo uwubatwara ahengamiye‟ Niko Frederic Bamvuginyumvira abibona.

Umushingwamanza Vital Nshimirimana yigeze kuyobora sendika y-abacamanza SYMABU avuga ko umukuru w-igihugu c-uburundi yoreka kwidoga kuko amabi atandukanye abera mu gihugu yazanywe na CNDD-FDD, uwo nawo ni umugambwe Perezida Ndayishimiye aturukamwo ndetse yanarongoye igihe kitari gito. ˮ..Mugabo kuberako abo yizigiye  mu mabanga aribo bafata ingingo muri CNDD-FDD ngo fata naka, muri baba CNL, bamwe bo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, muri ba banyamakuru, muri ba naka baja kunyarwa, Leta biraheza bikayizazanira ingene baheza kubatuma kurenganya abanyagihugu, baheza kubatuma gutosekaza agateka ka zina muntu hanyuma ngo bace bagaruka kubabuza kurya ibiturire kandi bazi yuko babahemba intica ntinkize‟ bivurwa n-umushingwamanza Vital Nshimirimana.

 

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments