UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Arafunzwe kukwita umushikiranganji w-intwaro yo hagati ko ari ˮumugangabutsi‟

UBM News ads

Norbert Rizukundi, Umuhanuzi wa musitanteri wa komine Gisuru yaraye ijoro rya mbere mu gasho ka komisariya y-igipolisi c-intara ya Ruyigi akaba yazize ko yatutse umushikiranganji Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika ko ari ˮumugangabutsi‟ mu gihe yariko yerekana ubusuma bwahora bukorwa mu ma komine mw-itozwa ry-amatagisi n-amakori.May be an image of 1 person

Itegeko ryo kumufunga rikaba ryatanzwe n-umukuru w-igihugu Ndayishimiye Evariste mu gihe yari yagendeye kuruwu wa gatandatu intara ya Ruyigi.

Perezida Ndayishimiye akaba yamenyesheje ko hari n-abandi barongozi vyashavuje kuko banyonora amafaranga yo kwinjiye mu kigega ca Leta ubu ko batagiye kwihanganirwa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments