Norbert Rizukundi, Umuhanuzi wa musitanteri wa komine Gisuru yaraye ijoro rya mbere mu gasho ka komisariya y-igipolisi c-intara ya Ruyigi akaba yazize ko yatutse umushikiranganji Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika ko ari ˮumugangabutsi‟ mu gihe yariko yerekana ubusuma bwahora bukorwa mu ma komine mw-itozwa ry-amatagisi n-amakori.
Itegeko ryo kumufunga rikaba ryatanzwe n-umukuru w-igihugu Ndayishimiye Evariste mu gihe yari yagendeye kuruwu wa gatandatu intara ya Ruyigi.
Perezida Ndayishimiye akaba yamenyesheje ko hari n-abandi barongozi vyashavuje kuko banyonora amafaranga yo kwinjiye mu kigega ca Leta ubu ko batagiye kwihanganirwa.
Recent Comments