Ambasaderi Willy Nyamitwe yaraheruka gutorerwa kurongora ikigo CNC,kijejwe kugenzura uko ibinyamakuru bikora mu Burundi yasezeye kuri uyu wa kabiri abo bakorana mw-ico kigo. Abicishije kuri Twitter, Amenyesha ko agiye kubandaniriza ibikorwa vyiwe mu bijanye n-imigenderanire(diplomatie). Ariko ntiyigeze atomora neza iyo aroye kubandaniriza ivyo bikorwa.
Ku makuru dukesha iradiyo ijwi rya Amerika mu gisata c-ikirundi n-ikinyarwanda, atumenyesha ko Willy Nyamitwe agiye guserukira igihugu c-uburundi i Addis-Abeba ,ku murwa mukuru wa Etiyopiya. Iyo nkuru iradiyo ijwi rya Amerika rikavuga ko riyikesha amasoko yizewe aturuka mu begereye ibiro vy-umukuru w-igihugu. Ayo masoko akongera akamenyesha ko agiye gutangura amabanga yiwe vuba cane.
Kubona Ambasaderi Willy Nyamitwe yaraheruka kutorwa ngo arongore ikigo CNC mu nyuma  bukeye na kabiri agaca agenwa kuja muvyo guserukira uburundi mu makungu, biboneka ko ari umukino uri mu mpande zibiri z-ibihangange bikomeye mu mugambwe CNDD-FDD. Rumwe muri urwo ruhande bikaboneka ko rwipfuza ko Nyamitwe aguma mu Burundi , urundi ruhande narwo rukamwipfuriza ko aja kubandaniriza hanze y-igihugu muvya dipromasi.
Recent Comments