Mu kiganiro catunganijwe kuri uyu wa 13 Myandagaro 2021 n-ihuriro ry-amasendika y-abigisha COSESONA kubijanye n-utunenge twagaragaye mw-itegeko risha rijanye no gukosora ubusumbasumbane bw-imishahara, Iryo huriro COSESONA rimenyesha ko ritashimishijwe na gato n-iryo tunganywa risha ry-imishahara y-abakozi ba Leta ndetse rikagirako risaba Leta ko hotunganywa vuba ibiganiro kw-icokibazo.
Mw-ico kiganiro, Victor Ndabaniwe arongoye urunani COSESONA avuga ko urugero rw-amanota 28 rwafatiweko ngo rukoreshwe mu kibazo c-ubusumbasumbane bw-imishahara rudashimishije na gato. Amenyesha ko bamaze gukorera kw-ico giharuro cafatiweko basanze aho gukosora ubwo busumbasumbane bw-imishahara ahubwo gituma gitibura imishahara y- abakozi bari bagezeko.
Kugira imishahara y-abakozi ntigabanuke, Uwurongoye COSESONA amenyesha  ko umurwi w-abahinga ugizwe n-abaserukira Leta hamwe n-amashirahamwe y-abigisha wakoranye uravyiga.Niko guca basanga ko bohuriza ku giharuro c-amanota 45 . Avuga ko ico giharuro kiza gutuma umushahara w-umwigisha wo mu mashure yisumbuye yatangwako akarorero ku mushahara ungana 368.580FBU . Kubwa Ndabaniwe, ngo igitigiri 45 nico babonye ko ari gitoya cane coshobora gufatirwako kugira ubusumbasumbane bw-imishahare bushobore gukosorwa. Urunani COSESONA rusaba Leta gutunganya ibiganiro n-amasendika kugira humvikanweko ku mpande zose  ku bijanye n-ibiri mu nteguro y-itegeko nshikiranganji maze ico kibazo  kimaze igihe c-ubusumbasumbane bw-imishahara mu bakozi ba Leta gishobore gutorerwa umuti .
Recent Comments