Wednesday, November 30, 2022
HomeNewsAmasezerano ari hagati y-uburundi na Arabiya Saoudite yerekeye guhanahana abakozi yateweko umukono.

Amasezerano ari hagati y-uburundi na Arabiya Saoudite yerekeye guhanahana abakozi yateweko umukono.

Kuri uyu wa 03 Gitugutu 2021 niho haterwako umukono ku masezerano yo guha akazi abakozi na cane cane abakozi bo mu nzu , hagati ya Leta y-uburundi hamwe n-igihugu ca Arabiya Saudite.May be an image of 2 people and people standing

Umushikiranganji w-uburundi w-imigenderanire n-ayandi makungu Albert Shingiro ariwe yaserukiye Leta y-uburundi mu guterako umukono kw-ayo masezerano, amenyesha ko bigiye kuzotuma urwaruka rwo mu Burundi ruba ruriko rurondera akazi ,ruzoja mw-ico gihugu rukingiwe n-amategeko no mu kibano.

Tubamenyeshe ko ayo masezerano yateweko umukono mu gihe bamwe mu barundikazi baja mu bihugu vy-abarabu bakorerwayo amabi atandukanye harimwo no kwicwa atakibavugira. Ni mugihe abo mu bindi bihugu vyo muri Afrika bari bafise amategeko abagenga harimwo ko n-ibihugu baturukamwo wasanga bibakwirikirana cane.

Must Read