UBM News ads

Amananiza kuriTshisekedi, asabwa gutangaza kumugaragaro ibiganiro na m23

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Amananiza kuri prezida FĂ©lix Tshisekedi:Abarwanya ubutegetsi bwiwe(umuhari m23)bamutegetse gutangaza kumugaragaro ko Leta yiwe yemeye ibiganiro n’umuhari m23 bitagenze uku nta biganiro bishobora kuba hagati leta ya Kinshasa na AFC/m23.hari ibindi vyinshi bamusavye bishobora kumutwara agatwe.

None biragenda gute?ni bande bari inyuma y’uyu mugambi?menya vyinshi kuri iyi nkuru.

Mu gihe kuwa 27 ruheshi 2025 habaye amasezerano y’amahoro hagati y’urwanda na republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo,nubu ibintu bikomeje kuba nabi museruko bwa kongo.

Abarwanya ubutegetsi bwa Félix Tshisekedi bamusavye amananiza mbere ubiravye biboneka ko hari umugambi wo kubandanya intambara.

Hari ingingo 8 umuhari m23 usaba ubutegetsi bwa Tshisekedi n’izo zizi zikwirikira:

-Gutangaza kumugaragaro kwa prezida FĂ©lix Tshisekedi ko yemeye kwicarana n’umuhari m23;
-guhagarika ingingo zose zafashwe n’inama nshingamateka kuwa 8 gitugutu 2022 n’izindi ngingo zose leta ya Kinshasa yafatiye ihuriro AFC/m23 kugira ibiganiro bigende neza;
-Gufuta ibihano vyose vyafatiwe indongozi za AFC/M23,ibihano vy’urupfu,amafranga yatanzwe kugira hafatwe zimwe mu ndongozi za AFC/m23;
-guhagarika vyihuse abantu Bose,aba sivire,abasirikare bapfunzwe bagirizwa gukorana na AFC/m23,bakarihwa indishi z’akababaro kuvyabo vyononekaye;
-guhagariko no guhana abavuga invugo z’urwanko,bahorwa uko bavutse,uko bavuga(swahili,ikinyarwanda),bakirukanwa mu zabo ivyo bitegerrezwa guhagarara vuba bwango;
-Gusubira kwemera uruja n’uruza rw’ibintu n’abantu,gusubira gutanga impapuro z’inzira,gusubira kwugurura ibisata vya douane mu burere bugenzurwa n’umuhari m23 bikozwe na banki nkuru y’igihugu ca kongo;
-Gusubiza ibintu vyose vy’indongozi za AFC/m23 vyafashwe n’ubutegetsi bwa Kinshasa mbere bakarihwa indishi y’akababaro;
-Guterako umukono w’amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya AFC/m23.

Ibi biri uko mu gihe ibiganiro vy’Doha muri Qatar hagati ya Kongo na AFC/m23 ataco vyashitseko.

None ibi Tshisekedi azovyemera?

FĂ©lix Tshisekedi yagaragaye kenshi yiyamiriza umuhari m23 ko atopfa yicaranye nabo ko ahubwo ari kubarwanya bagasubira mu rwanda,nkuko yakunda kubivuga kuri prezida kagame ariko bikarangira bashitse kumasezerano y’amahoro.

Ivyo m23 isaba birimwo agatwe kuko na Félix Tshisekedi avyemeye vyomuhitana agatwe kuko yofatwa nko guhemukira igihugu ariko ubiravye neza ivyo m23 isaba harimwo imitego myishi ibishobora gutuma babandaya kwiyagurira uburere.

Mu murwi w’abahinga ba ONU,muri rapporo basohoye kuwagatatu,barerekanye ko umuhari m23 utipfuza kurekura ibice bafashe ahubwo bipfuza gushinga leta nshasha mu buseruko bwa Kongo bishigikiwe na prezida Paul kagame w’urwanda.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments