Amakomine n’intara bigize uburundi bigiye kugabanywa imbere y’amatora yo mu 2025.

0

Amatora yo mu mwaka wa 2025 ategerezwa gushika hamaze gushirwaho indinganizo nshasha igabanya intara n-amakomine bigize uburundi. Vyatangajwe n-umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu , umutekano n-iterambere rusangi, Gervais Ndirakobuca. Hari ku murwa mukuru w-intara ya Kayanza mu ndwi iheze mu nama uwo mushikiranganji yagiranye n-abarongoye imigambwe.Carte administrative du Burundi (ISTEEBU, 2017)

Mw-iyo nama, Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca yasiguye ko iyo ndinganizo nshasha igiye gushirwaho imbere yo mu mwaka wa 2025 kugira ngo itegeko rigenga amatora rizohindurwe hisunzwe  iyo ndinganizo  nshasha  y-intara n-amakomine bigize igihugu c-uburundi.

Gervais Ndirakobuca yavuze ko ari ikibazo  kubona uburundi bufise uburinganire bungana  n-ibirometero kwadarato 27.834 ariko bukagira intara 18 n-amakomine 119.