UBM News ads

Amafaranga y-agaciro abandanya kuba nk-umuzi w-ibuye, ibiciro navyo biguma biduga.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Naho Leta yari yafashe ingingo yo kwugara amazu y-ubudandarizo bw-amahera y-agaciro mukugira ayo mafaranga aze aboneka ku bwinshi nuko n-ubu kugira uronke ayo mafaranga bitoroshe  mu gisagara ca Bujumbura, aho uyaronse naho ukayagura amahera menshi.Les devises tarissent, la chasse aux cambistes monte d'un cran à Bujumbura

Kubariko  bayarondera  mu kinyegero bamenyesha ko ubu ifaranga ry-abanyamerika bita ˮdollars‟ rivunjwa amafaranga y-amarundi ari hagati y-3200FBU na 3330 FBU. Hama ifaranga ry-abanya buraya bita ˮEuro‟rikaboneka hagati y-amafaranga y-amarundi y-3800FBU na 3900FBU. Ingaruka  zitumwe n-iryo kena ry-ayo mafaranga ni nyishi n-uko ibiciro vy-ibintu vyankenerwa biguma biduga ku musi ku musi aha twovuga= ivyambarwa, amaterefone ngendanwa, n-ibindi…

Ikindi abarondera ayo mafaranga y-agaciro  bavuga , ugiye kuyarondera mw-ibanki nkuru y-igihugu canke amwe mu mabanki y-ubudandaji yahawe ububasha bwo kuvunja ayo mahera y-agaciro nuko habamwo ka mwana wa mama mukugira baguhe ayo mafaranga bisabwa ko uba uzwi n-abamwe bo m-ubutegetsi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments