Amafaranga arenga imiriyoni 51 niyo yanyurujwe n-abatoza kori mu gisata co kwunguruza abantu i Bujumbura.

0

Amafaranga angana n-imiriyoni mirongo itanu n-imwe  n-ibihumbi amajana atanu  na mirongo icenda na bitanu (51.595.000 FBU) niyo yanyurujwe  n-abatoza amakori mu gisata co kwunguruza abantu  mu gisagara ca Bujumbura  mu kiringo c-amezi abiri  n-inusu  umuntu ahereye  guharura mu kwezi kwa Nyakanga.Comprendre le budget de la mairie de Bujumbura en 3 points

Mu nama umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu yagiranye n-abo batoza kori ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu , Gervais Ndirakobuca  yategetse ko gushika ku musi wa mbere uwo wese yasahuye ayo mafaranga azobe yayagarukanye  ku bubiko bwa banki bwa Meri ya Bujumbura.

Umwe mu bakora mu gisata kijejwe kugendura ibikorwa vy-ubushikiranganji ari nabo batoye ubwo bunyonyezi, yavuze ko mu kuyiba bandika kuri ˮ Quittance‟ amahera adahuye n-ayo umutanga kori yarishe. Yatanze akarorero ko nk-umuntu atanze ibihumbi ijana na bitanu , hejuru kuri ˮréçu‟ baha umutangakori  bandikako ayo mafaranga . Ariko hasi  kuco bita ˮ souche‟ bandikako ibihumbi cumi na bitanu gusa. Bamwe mu bagize ubwo busuma baravyemeye, ariko abatavyemeye , Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca yategetse ko baca bakorerwa dosiye , bajanwe mu gasho hanyuma bazoheze bitabe ubutungane , baburane bapfunzwe.