Abavuzi b’ingoma bo mu Gishora basaba gusubizwa imiriyoni zirenga zitandatu bakoresheje igihe bashaka kuja i Dubaï.

0

Abatimbo b’ingoma bo mu Gishora , muri Komine Giheta basaba gusubizwa amahera arenga imiriyoni zirenga zitandatu z’amarundi bakoresheje mu myiteguro y’urugendo , aho bari kujana n’umukuru w’igihugu mu gisagara ca Dubaï muri Emirates Arabes-unis. Urwo rugendo rwabo rwahavuye rusiba ku kanyuma maze hagenda abandi , hari kuwa 8 Munyonyo 2021.May be an image of 2 people, people standing and outdoors

Uwurongoye abo batimbo amenyesha ko basabwe impapuro bita «réçu» mu rurimi rw’igifaransa, izo nazo ngo nizoza zerekana ahantu barara, aho bafungurira , udutike twerekana uko bagiye biyunguruza , ngo bitabonetse  ntibazokwemera  ko ayo mafaranga bavuga ko bayasohoye.

Umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bujejwe imico kama avuga ko hari ibiriko birakorwa kugira bayasubizwe. Ni mu gihe umushikiranganji w’ikigega ca Leta aherutse kwandikira umushikiranganji ingenzi, amubwira ko ata mpapuro zerekana ingene abo batimbo bakoresheje ayo mahera zihari.