UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Abatorwako umugera wa MonkeyPox mu bwongereza basabwa kubangira gukora amabanga mpuzabitsina.

UBM News ads

Inyuma yaho hatowe abanduye umugera wa Monkeypox (indwara y’ibihara) bagera 179 mu gihugu c’ubwongereza, Abajejwe ivy’amagara y’abantu mw’ico gihugu bategetse  kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 30 Rusama 2022 ko abantu bamaze gutorwako uwo mugera bokwihangana mu kuba barahagaritse gukora amabanga mpuzabitsina  gushika aho ibimenyetso vy’iyo ndwara bibavuyeko.

Kuwa 30 Rusama 2022, Niho abajejwe ivy’amagara y’abantu mu bwongereza bafata ingingo yuko uwatoweko ubwandu bwa Monkeypox canke «Variole du singe» mu rurimi rw’igifaransa yokwihangana akaba arabangira gukora amabanga mpuzabitsina gushika yaho ibimenyetso vy’uwo mugera birangiye. Ico gisata kijejwe ivy’amagara y’abantu mu bwongereza categetse kandi ko uwanduye Monkeypox ategerezwa kubandanya akoresha agakingirizo mu bihe vy’imibonano mpuzabitsina mu kiringo c’amayinga umunani inyuma y’ukurangira kw’uwo mugera. Ivyo navyo bigakorwa mu ntumbero yo kugabanya irwirirana ry’abandura iyo ndwara.

Tubamenyeshe ko kuva umugera wa Monkeypox utanguye kumenyekana mu bihugu bitari bike vyo kw’isi, Nuko abantu bagera kuri 555 bamaze kwandura uwo mugera, muri abo, abenshi baturuka mu gihugu c’ubwongereza. Mu misi itanu ya mbere, Abanduye Monkeypox berekana ibimenyetso bikwirikira: Kumeneka umutwe, kugira amasumbi, ububabare bwo mu mugongo, ubushuhe, ububabare bwo mu mitsi hamwe rero no Kubura inguvu.

 

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments