Ishirahamwe OLUCOME ryiyemeje kurwanya igiturire n’abasesagura amatungo ya Leta rihamagarira abagize Leta nshasha kwihutira kumenyekanisha amatungo yabo mu kiringo c’imisi itarenga 15, nkuko biri mw’ibwirizwa shingiro ry’uburundi. Ico kiringo kigaharurwa uhereye umusi baba barahiriyeko.
Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME avuga kandi ko uruhara rw’abahinga ari ngombwa mu bijanye n’intwaro ibereye . Akibutsa kandi ko hari itegeko ribuza abagize Leta kuja mu rudandazwa . Uwo arongoye iryo shirahamwe yabitangaje kuri uyu wa mbere mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru.
Tubibutse ko abagize Leta yahahora batigeze bakora ico gikorwa co kwerekana amatungo yabo naho Perezida Ndayishimiye yari yabitangaje mu gikorane cari cabereye mu ntara ya Karuzi mu mwaka wa 2020. Icatangaje benshi kuko ibwirizwa shingiro ry’uburundi ribitomora neza, Perezida Ndayishimiye yahavuye mu nyuma yivuguruza kuvyo yari yasavye abagize Leta yiwe kuvyo kwerekana amatungo yabo, aho yamenyesheje ko yasanze ivyo yari yavuze bitameze neza kubera ko hariho abafise amatungo menshi ku buryo bomara indwi yose bayandika, akanashikiriza ko ubutunzi bw’umuntu ari ibanga ryiwe.
Recent Comments