Igihugu ca Ukraine kitegekanya kwegeranya abasirikare bangana umumiliyoni bitwaje ibirwanisho cahahawe na OTAN kugira cisubize ubumanuko bw’ico gihugu bwigaruriwe n’ingabo z’uburusiya nkuko bitangwa n’umushikiranganji wa Ukraine wo kwivuna abansi.
Nkuko tubikesha iradiyo y’abongereza BBC, Oleksii avuga ko kwisubiza uturere dukikuje inkengera z’ikiyaga cirabura ari ngombwa ku butunzi bw’igihugu. Ayo majambo ya Oleskii ayavuze mu gihe uburusiya buriko butera intambwe mu kwigarurira akarere ko mu buseruko ka Donbas.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Times, Uwo mushikiranganji yarashimangiye cane ko ubwongereza bwabaye kirumara mu gufasha Ukraine mu kuronka ibirwanisho vya OTAN vyo kwikingira ibitero vy’indege bivuye kuvyahoze bikoreshwa ku ntwaro y’abasoviyete.
Oleskii yongeyeko ati :« Tugereranije dufise abantu 700.000 mu ngabo, dushizeko abacungera umutekano mu gihugu ,abapolisi n’abacungera imbibe ,turashika umumiriyoni»
Recent Comments