Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeInternational newsAbasirikare umumiriyoni nibo Ukraine ishaka kwegeranya kugira yisubize ubumanuko bw'ico gihugu.

Abasirikare umumiriyoni nibo Ukraine ishaka kwegeranya kugira yisubize ubumanuko bw’ico gihugu.

Igihugu ca Ukraine kitegekanya kwegeranya abasirikare bangana umumiliyoni bitwaje ibirwanisho cahahawe na OTAN kugira cisubize ubumanuko bw’ico gihugu bwigaruriwe n’ingabo z’uburusiya  nkuko bitangwa n’umushikiranganji wa Ukraine wo kwivuna abansi.Image

Nkuko tubikesha iradiyo y’abongereza BBC, Oleksii avuga ko kwisubiza uturere dukikuje inkengera z’ikiyaga cirabura  ari ngombwa ku butunzi bw’igihugu. Ayo majambo ya Oleskii ayavuze mu gihe uburusiya buriko butera intambwe mu kwigarurira akarere ko mu buseruko ka Donbas.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Times, Uwo mushikiranganji yarashimangiye cane ko ubwongereza bwabaye kirumara mu gufasha Ukraine mu kuronka ibirwanisho  vya OTAN vyo kwikingira ibitero vy’indege bivuye kuvyahoze bikoreshwa ku ntwaro y’abasoviyete.

Oleskii yongeyeko ati :« Tugereranije dufise abantu 700.000 mu ngabo, dushizeko abacungera umutekano mu gihugu ,abapolisi n’abacungera imbibe ,turashika umumiriyoni»

 

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments