Abasirikare indwi harimwo intwazangabo baramaze gupfira mu myimenyerezo ya gikomando mu kiringo c-indwi.

0

Abasirikare indwi nibo bamaze kwitaba Imana mu kiringo c-indwi irenga gato mu gihe baba bariko baragira imyimenyerezo ya gikomando nkuko bisanzwe vyitwa mu gisirikare. Ibikorwa vy-iyo myimenyerezo bibera ku murwa mukuru w-intara ya Gitega. Bikaba vyaciye biba birahagarikwa. Kubw-amakuru ava mu gisirikare c-uburundi, amenyesha ko abo basirikare indwi bapfuye biturutse ku mahiri bakubiswe n-abakoresha iyo myimenyerezo.240 dont 23 filles nouveaux commandos de la FDNB brevetés | Force de  Défense Nationale du Burundi

Iyo myimenyerezo ya gikomando yatanguye mu ndwi ya nyuma y-umwaka uheze w-2021. Ivyo bitwa gutwikurura vyabaye ku musi w-Imana inyuma y-umusi umwe Noheli yaraye irangiye  igenekerezo rya 26 kigarama 2021 . Mu ndwi imwe gusa, iyo myimenyerezo itanguye, hapfuye abasirikare indwi bari mu myimenyerezo ya gisirikare  ya gikomando. Muri abo basirikare bapfuye , harimwo intwazangabo yari ivuye kwiga mu gihugu c-uburusiya.  Amakuru aturuka mu gisirikare akavuga ko abo bose bapfuye boba bishwe n-inkoni z-abasanzwe batanga inyigisho za gikomando bita «instructeurs commando »mu rurimi rw-igifaransa.

«twababajwe cane n-ibintu biriko birabera  muri centre d-instruction commando I Gitega aho mu ndwi imwe gusa , hamaze kubura ubuzima abasirikare indwi  kubera amahiri bakubiswe. Ikihaye kiboneka coco, nuko abariko batanga izo nyigisho nta buhinga hamwe n-uburambe na butoyi bafise, bakora ibintu ukwo bavyumva» Niko umwe mu basirikare bwo mw-ico kigo c-abakomando avuga n-agashavu kenshi.

Umukuru w-ibiro bikuru vya gisirikare , uwutwara igisata ca G3 mu biro bikuru vya gisirikare   hamwe n-abajejwe igisata c-ubuvuzi  mu gisirikare basabwa  na bamwe mu basirikare gukwirikiranira hagufi ico kibazo amazi atararenga inkombe. Inyuma y-urupfu rw-abo basirikare indwi bariko bakora imyimenyerezo ya gikomando, haciye indwi irenga iyo myimenyerezo ihagaritswe kugira babanze bige neza ico kibazo ariko hakaba hari n-abandi bari ku musego kubera amahiri bakubiswe n-abo bigisha ivyirwa vya gisirikare bita «instructeurs»