Abarongoye akarere ka mbere ka gisirikare baratewe impungenge n’abasirikare bata akazi muri aya amezi abiri gusa haheze, mu karere ka mbere ka gisirikare bavuga ko abasirikare bataye akazi ivyo bita mu rurimi rw’igifaransa “desertion”bagera kuri 30. Colonel Jeconias Nihorimbere mu nama yagirishije abasirikare i Mabayi mu ntara ya Cibitoke akaba yabasavye kuguma ku mirimo kuko ngo ni ikibazo c’imishahara mito Leta iriko iriga ingene cotorerwa umuti.
Amakuru atangwa n’abandi basirikare avuga ko abo basirikare bataye akazi barenga 30 muri aya mezi abiri aheze. Abo ngo benshi baba ari abagomba kurungikwa ku rugamba mu gihugu ca Congo . Abo basirikare bavuga ko abo basirikare baheba akazi kuko bavuga ko intambara ibera muri Congo ituma abarungitsweyo bagira umuruho udasanzwe kandi bashobora no kuhasiga ubuzima kuko n’abahakomerekeye bigorana ingene bashikanwa kwa muganga hakaba ngo hari n’abamaze gusandaba bariko bagerageza kubajana kwa muganga.
Ayo makuru nyene abandanya avuga ko kuja mu ntambara mu gihugu ca Congo ata karusho babironkera ari naco gituma hari abaheza bagaheba akazi ka gisirikare ku gutinya kujanwayo. Ikindi abo basirikare bavuga kiduza ishavu abo basirikare , ni ingene hasohorwa amafaranga y’agahembo kabo mu kigega ca Leta ari menshi bo bagaheza bagahembwa intica ntikize . Igisata kiraba ivy’imishahara n’ubutunzi mu gisirikare c’uburundi gikurako ayagenewe kugura imyambaro, ibifungurwa n’ibindi vyankenerwa mu gisirikare kigaheza kikagena ayo umusirikare aheza agahembwa.
Ico kibazo c’abasirikare bata akazi kikaba caravuzwe mu nama ya Colonel Jeconias Nihorimbere arongoye intara ya mbere ya gisikare , inama yakoresheje abasirikare bakorera mw’ishamba cimeza rya Kibira iherutse kubera muri komine Mabayi , mu ntara ya Cibitoke. Akavuga ko abaheba akazi bavuga ko bahembwa agahembo kadakwiye ari urwitwazo. Akabahumuriza ko ababijejwe bari ku kivi ngo akarusho abakozi ba Leta bazoronkera mu gukura ubusumbasumbane bw’imishahara maze abasirikare nabo ntibasirwe inyuma nkuko vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye mu mpera z’umwaka uheze.
Recent Comments