Abasirikare b’uburundi barenga 20 nibo basize ubuzima mu ntambara zabaye mu ndwi iheze mu ntara ya Kivu y’ubumanuko, muri Republika iharanira demokarasi ya Congo, nayo abarenga 10 barakomeretse. Nkuko amakuru ava mu gisirikare abimenyesha, bamwe muribo bakaba bashikanywe mw’ikambi ya DCA Passive Rwantanamo mw’ijoro ryo kuw’Imana rishira uwambere w’iy’indwi turimwo. Abasirikare baja kuzana abasize ubuzima n’abakomerekeye mw’izo ntambara basaba Leta ko yokoresha indege kuko ngo bagira ibibazo vyinshi mu nzira.
Amakuru atangwa n’abasirikare , avuga ko abo basirikare bapfuye n’abakomeretse bashikanywe mu gisagara ca Uvira ahaba hari imodokari zibategereye ngo zibajane mu gisagara ca Bujumbura isaha cumi n’igice zo ku musi wa mbere. Ayo makuru nyene akavuga ko abo basirikare basize ubuzima mu ntambara zabaye kuva ku musi wa kabiri w’indwi yaheze, ari abarenga 20 maze Abandi barenga 10 nabo bakaba barakomeretse .
Abo basirikare bavuga ko benshi barwa mu mitego n’ibitero baba bariko bagerageza kugaba ku barwanyi b’umuhari FNL ya Aloys Nzabampema. Izo ntambara zikaba zabereye mu bice vya Mwenga, Nahombi na Itombwe mu ntara ya Kivu y’ubumanuko.
Mu basirikare barenga 20 baguye mw’iyo ntambara, harimwo intwazangabo y’ipete rya Capitaine yitwa Bellarmin Nzisabira yaheruka gutahuka mu Burundi avuye muri Somaliya. Abo basirikare bari muri Congo bakavuga ko bakorera ahantu hagoye kandi ko n’ibifungurwa bitaborohera kubashikira.
Abasirikare bagiye gutora abakomeretse no gutahukana ibiziga vy’abahasize ubuzima , bavuga ko batoroherwa kandi ko bagenda urugendo rurerure n’amaguru imisi ishika itatu. Bagasaba Leta ko yotegura indege yoja gutahukana ababa bakomeretse n’abasize ubuzima muri izo ntambara kuko kumara imisi itatu ugenda n’amaguru ureruye abakomeretse n’abapfuye biheza bigatuma ababa bakomeretse bashobora gusinzikara canke bagasandabira mu nzira.