Umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gelase Ndabirabe avuga ko mu myaka 5 iza abarundi bagiye guhaga birenze nk’incuro 2 canke 3 gusumba uko bahaze uyu musi mu gihe umugambwe CNDD-FDD wosubira gutsinda aya matora.
Rya faranga mvamakungu(dollar)naryo riteye ikibazo,rizovunjwa 1000 canke 1500 mbere rishike munsi y’igihumbi(1000fbu) mu mafranga y’amarundi kuko ifaranga ry’uburundi rigiye kugira agaciro nkuko Gelase avyemeza.

Daniel Gelase Ndabirabe arongoye inama nshingamateka aremeza ko mu myaka 5 iza,hamwe umugambwe CNDD-FDD wosubira gutsinda aya aya matora abarundi Bose bazoba bahaze cane incuro 2 canke 3 gusumba uko bahaze uyu musi.
Ibi akaba yabishikirije mu ntara yakera ya kayanza ubu iri mu ntara nshasha ya Butanyerera mu ndinganizo nshasha,hari kuri uyu wa 14 Rusama 2025 kukibuga c’iGatwaro mu myiyamamazo y’umugambwe CNDD-FDD.
Bimwe mu vyashikirijwe na Gelase nuko mu ntara ya Kayanza avukamwo izoba iteye imbere,hifashishijwe uburimyi bwa kijambere maze ca giterwa c,ibigori cirwizeko nka 5.
Muvyo ubutunzi nkuko Gelase Ndabirabe abivuga nuko ifaranga ry’uburundi rigiye kuzohabwa agaciro kuburyo rya faranga mvamakungu rizovunjwa amafranga y’amarundi 1000 canke 1500 canke ribe munsi y’igihumbi(1000).





Recent Comments