UBM News ads
Sunday, December 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Abarundi batuye ku mugabane wa buraya barategura imyiyerekano mu bubirigi yo kwiyamiriza umwuzo wa perezida Ndayishimiye.

Abarundi batuye ku mugabane wa buraya bategura kuri uyu wa gatandatu  guhurira ku cicaro gikuru c-umuryango w-ubumwe bwa buraya kiri i Bruxelles mu Bubirigi kugira biyamirize urugendo rw-umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye azoba amazemwo imisi  mu nama idasanzwe igira gatandatu  izohuza ibihugu vy-ubumwe bwa Afrika  hamwe n-umuryango w-ubumwe bwa buraya. Aimé MAGERA arongoye umugambwe CNL ku mugabane wa buraya ari nawe arongoye ico gikorwa c-imyiyerakano amenyesha ko bazoba bakoze iyo myiyerekano mu ntumbero yo kwereka isi amagorwa abarundi barimwo babandanya bakorerwa na Leta ya CNDD-FDD irongowe iki gihe na Perezida Ndayishimiye.Manifestation de la diaspora burundaise à Bruxelles – IWACU

Ariko abazwa n-umumenyeshamakuru wa radiyo Peace FM kuba bazoba bakoze iyo myerekano kandi  ubumwe bwa buraya buherutse  gufata  ingingo yo gukurako ibihano vy-ubutunzi kuri Leta ya Ndayishimiye kubera ko agateka ka zina muntu mu Burundi kifashe neza, Magera yishura uku :«Aha hariho aba députés  batanga ikori , iryo kori riza gufasha uburundi, twerekana yuko ayo mahera bagomba kubaha ari amafaranga bagomba guha imbonerakure , ari amafaranga bagomba guha iryo perereza, ari amafaranga yo kugomba kuja kwica abanyagihugu, ko atari amafaranga aza afasha abanyagihugu , ko atari amafaranga aza ateza imbere igihugu»

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments