Abarundi batuye ku mugabane wa buraya bategura kuri uyu wa gatandatu guhurira ku cicaro gikuru c-umuryango w-ubumwe bwa buraya kiri i Bruxelles mu Bubirigi kugira biyamirize urugendo rw-umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye azoba amazemwo imisi mu nama idasanzwe igira gatandatu izohuza ibihugu vy-ubumwe bwa Afrika hamwe n-umuryango w-ubumwe bwa buraya. Aimé MAGERA arongoye umugambwe CNL ku mugabane wa buraya ari nawe arongoye ico gikorwa c-imyiyerakano amenyesha ko bazoba bakoze iyo myiyerekano mu ntumbero yo kwereka isi amagorwa abarundi barimwo babandanya bakorerwa na Leta ya CNDD-FDD irongowe iki gihe na Perezida Ndayishimiye.
Ariko abazwa n-umumenyeshamakuru wa radiyo Peace FM kuba bazoba bakoze iyo myerekano kandi ubumwe bwa buraya buherutse gufata ingingo yo gukurako ibihano vy-ubutunzi kuri Leta ya Ndayishimiye kubera ko agateka ka zina muntu mu Burundi kifashe neza, Magera yishura uku :«Aha hariho aba députés batanga ikori , iryo kori riza gufasha uburundi, twerekana yuko ayo mahera bagomba kubaha ari amafaranga bagomba guha imbonerakure , ari amafaranga bagomba guha iryo perereza, ari amafaranga yo kugomba kuja kwica abanyagihugu, ko atari amafaranga aza afasha abanyagihugu , ko atari amafaranga aza ateza imbere igihugu»
Recent Comments