Abari mu biganiro i Arusha bafise amakenga ku ntambara ishobora kuba mu Burundi

0

Umuhuza mu biganiro vya poritike vy’Abarundi yasozereye kuri uwu wa mbere umuce ugira gatanu w’ibiganiro vyari bimaze iminsi bibera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya. Ivyo biganiro vyasozerewe mu gihe Reta y’Uburundi itigeze ihonyoza ikirenga ahariko habera ivyo biganiro, mbere umuvugizi wa Reta y’Uburundi akaba yamenyesheje ko ibizova muri ivyo biganiro bitaraba Reta y’Uburundi.

Kuri ico kibazo ca Reta y’Uburundi itaserukiwe, abanyepolitike batavuga rumwe na Reta bari i Arusha bavuga ko hashobora kwaduka ingwano.

“Nuko nshaje, nari guhava mfata inzira y’ingwano kuko inzira y’ibiganiro yanse, naho nkunda amahoro. Ariko ndashigikiye inzira yose yo kugwanya ubutegetsi bw’i Bujumbura kuko inzira y’ibiganiro yananiranye “, vyavuzwe na Léonce Ngendakumana, icegera c’uwurongoye umugambwe Sahwanya-FRODEBU. Ngendakumana abona ko ukutumvikana kugiye gutuma ubukene bwiyongera.

Charles Nditije wo mu mugambwe UPRONA utemewe n’amategeko nawe asa n’uwuvuga nk’uko.

“Ikigaragara nuko tutazoja mu matora ya 2020, icuka kitabaye ciza. Kubona ibiganiro atakivuyemwo, bikamiye mu cogeje, abashaka gufata ibirwanisho “, vyavuzwe na Nditije aho anasaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU gufatira Reta y’Uburundi ibihano.

Kubwa Jean Bosco Ndayikengurukiye, yahoze arongoye umuhari CNDD-FDD ukiri mw’ishamba, inzira y’intambara si nziza.

“Ndazi ingaruka ku butunzi, imibano hamwe n’abapfa iyo habaye intambara. Nibaza ko Reta n’umugambwe uri ku butegetsi, batazokwica amatwi kugeza aho haba ingwano. Mpamagariye umuryango wa EAC, Ubumwe bwa Afrika hamwe na ONU gukora ibikenewe kugira ntihagire abafata ibirwanisho “, vyavuzwe na Ndayikengurukiye.