Abanyororo bari mu mabohero atandukanye yo mu Burundi barabangamiwe n-ikigoyi.

0

Kubw-amakuru ava mu mabohero atandukanye  yo mu gihugu c-uburundi,  amenyesha ko ifu y-imyumbati abanyororo bahora bafungura itakiboneka  ,haraciye iminsi itakiri mike. Mw-ibohero rikuru rya Bubanza, abanyororo bemeza ko haheze imisi irenga mirongo ibiri  atafu y-imyumbati iharangwa. Mw-ibohero rya Muramvya naho, haraheze iminsi cumi n-itatu  batayironka, mu gihe mw-ibohero rikuru ry-i Ngozi bamaze imisi cenda batayironka. Bimeze ukwo no mw-ibohero rikuru rya Ruyigi abo baheruka kuyironka haraciye imisi ine.ASF Preventive detention in Burundi: ASF rallies actors in the penal chain  - ASF

Mu gihe ifu y-imyumbati bahora bacumba maze bakayikoza ibiharage, bamwe mu banyororo bamenyesha ko bari mu kwicwa n-inzara  ko basigaye bafungura uduharage, natwo tukaba ari intica ntinkize.  kubera inzara nyishi, abo banyororo basigaye birirwa baryamye bataja ahabona. Iyo nzara ikaza yunyurwa nuko imiryango yabo itakibagemurira kubera ikiza ca Covid-19

Abanyororo bari muri ayo mabohero  basaba Leta kubanguka igatorera inyishu amazi atararenga inkombe kuko nubu igitigiri cabafunzwe kikiri cinshi cane. Bagasaba kandi ko mu gihe iyo fu itoba itaraboneka yoreka imiryango yabo ikabagemurira kuko batobaho badafungura.v