Abanyepolitike barabandanya guhagarikwa ku mbuga ngurukana bumenyi

0

Kur’uyu wa gatatu, Perezida Trump yahagaritswe no ku rubuga rwa YouTube. Aho n’inyuma y’uko ahagaritswe ku mbuga Facebook, Instagram, Snapchat na Twitter. Uwo umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ku musi w’ejo yarahagaritswe ikiringo c’imisi 7 n’urubuga YouTube, aho yari afise abantu bamukurikirana bangana imiriyoni 2,77. Urwo rubuga rukaba rwaciye rufuta n’amashusho yaheruka gushira kuri urwo rubuga kuko ngo “atakurikiza amabwirizwa yarwo “.

Izo mbuga ngurukanabumenyi zose zamuhagaritse kubera ko uwo mukuru w’igihugu azikoresha mu guhamagarira abantu gukoresha inguvu no kugarariza amategeko y’igihugu.

 

Ivyo bibaye mu munyuma yaho no mugihugu ca Ouganda imbugangurukana bumenyi z’abashigikiye Perezida Yoweli Museveni zahagaritswe zagirizwa nazo kugumura abenegihugu. Aho ni mugihe kur’uyu wakane hategekanijwe mur’ico gihugu amatora y’umukuru w’igihugu n’ayabashingamateka.

 

Iyo nyifato ikaba yariyamirijwe n’abaharanira ubwigenge bwo kumenya amakuru baba mu bihugu vya buraya, mbere na Prezida Trump akaba yaritwariye ivyo abatwara izo mbugangurukana bumenyi.

 

Mwebwe mubona izo mbugangurukana bumenyi zo kugarwa canke bazireke zigume zikora zivugira ivyo zishakiye ?