UBM News ads
Wednesday, February 21, 2024
No menu items!
UBM News ads

Abakora umwuga wo guhanahana amahera muri Econet-Leo na Lumitel bariko bakuzayo amahera yose bafise mu materefone.

Abenshi bakora umwuga wo guhanahana amafaranga biciye mu materefone ngendanwa  bitwa aba «agents» barahagaritse ico gikorwa kuva itarike 4 Ruhuhuma 2022. Bakaba bavuga ko batokwemera babandanya guhomba kuberako amashirahamwe ya Econet-Leo hamwe na Lumitel yari yabagabanije inyungu ku rugero rurenga ibice 30% . Abo bakora ako kazi bakavuga ko naho ibanki nkuru y-igihugu, BRB yari yabahumurije mu kwezi kwa  Nzero 2022, ikanabasaba ayo mashirahamwe gusubizaho ibiciro vya kera , ntivyigeze bikwirikwizwa.Image

Tubamenyeshe ko muri kino gihe abariko bakora ako kazi bari ku rushi ndetse ko n-ibindi bikorwa babihagaritse.

«No gucuruza ama unités ubu twarabihagaritse. Mu kugira tuyarangure ayo ma unités, warungika ama electroniques ya Lumicash na Ecocash maze baka kurungikira ama unités»  Niko umwe mubakora urwo rucuruzwa aba i Bujumbura asigura.

Abatari bake mu banyagihugu ba ba kiriya basanzwe bahanahana ayo mafaranga bamenyesha ko ari uruhombo runini kuribo. Ko Leta yoraba igakemura ico kibazo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments