UBM News ads UBM News ads
Tuesday, May 28, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abakenyezi baguye mw’isanganya ry’ubwato bagiye kurondera ubwatsi bajishamwo ibirago.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Mu ntara ya Muyinga, hari abakenyezi 6 bitavye Imana abandi 5 harimwo uwariko arasoza ubwato bararokoka muri zone Masaka komine Giteranyi intara ya Muyinga. Ni inyuma y’aho ubwato barimwo buhenukiye mu mazi kurondera urufunzo rwo kujisha ibirago, i Nyamarembe
 Vyabaye kuri uyu wambere, isaha zibiri zo mu gatondo, muri komine Giteranyi. Amakuru avuga ko abantu 11 bari mu bwato bashitse i Nyamarebe aho bari bagiye kurondera urufunzo rwo kujisha ibirago, mu kwururuka umwe ahonyora ku mbiga z’ubwato, buno bwato buca  buriyubika. Abakenyezi 4 barokotse cokimwe n’uwasoza ubwato, nk’uko bimenyeshwa na Ndagijimana Janvier, musitanteri wa komine Giteranyi.
Asaba abaja mu bwato kwambara impuzu zikinga impanuka (gilets)
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments