Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsAbajejwe intwaro baharika abo bubakanye bagiye guhagarikwa mu mabanga yabo.

Abajejwe intwaro baharika abo bubakanye bagiye guhagarikwa mu mabanga yabo.

Mw-ikete umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu  n-iterambere rusangi yarungikiye ba buramatari bose, amenyesha ko umurongozi wese aharitse  canke yubatse bidaciye mu mategeko agiye guhagarikwa mu mabanga ajejwe.98 CONGOLESE WEDDING ideas in 2021 | congolese, wedding, traditional wedding

Mw-urwo rwete, Umushikiranganji Gervais NDIRAKOBUCA atomora ko bafise amakuru yukwo hariho indongozi zimwe zimwe zifise inyifato yo guhubisha abanyagihugu  zirongoye  kandi bisanzwe bizwi ko umurongozi ariwe yategerezwa kuba akarorero  mu ngendo ibereye  abo arongoye.

Mu kurangiza, Umushikiranganji Gervais NDIRAKOBUCA asaba abo ba buramatari ko botegura intonde z-abo bose bajejwe intwaro bubakanye n-abagore canke abagabo bitazwi n-amategeko kugira bace bahagarikwa mu mabanga bahoramwo.

 

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments