Mw-ikete umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu n-iterambere rusangi yarungikiye ba buramatari bose, amenyesha ko umurongozi wese aharitse canke yubatse bidaciye mu mategeko agiye guhagarikwa mu mabanga ajejwe.
Mw-urwo rwete, Umushikiranganji Gervais NDIRAKOBUCA atomora ko bafise amakuru yukwo hariho indongozi zimwe zimwe zifise inyifato yo guhubisha abanyagihugu zirongoye kandi bisanzwe bizwi ko umurongozi ariwe yategerezwa kuba akarorero mu ngendo ibereye abo arongoye.
Mu kurangiza, Umushikiranganji Gervais NDIRAKOBUCA asaba abo ba buramatari ko botegura intonde z-abo bose bajejwe intwaro bubakanye n-abagore canke abagabo bitazwi n-amategeko kugira bace bahagarikwa mu mabanga bahoramwo.
Recent Comments