Ikiringo c’amezi atatu nico cahawe abafise ubwato bwo kuroba kugira bazobe baguze imparati hamwe n’impapuro za nkenerwa. Ubwato buzoba budafise imparati ntibuzokwemererwa kuja mu kiyaga inyuma y’ico kiringo. Ivyo vyatangajwe kuri uyu wa kane na Jacques Bigirimana, umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe umutekano mu biyaga mu Burundi ni mu gihe hariko hugururwa icese igikorwa co kwambika imparati ubwato bwo kuroba.
Bamwe mu bakoresha ubwo bwato bwo kuroba, bavuga ariko ko ico kiringo bahawe ari gito cane bagasaba nyabuna ko cokongererezwa. Ariko icegera c’uwurongoye ishirahamwe ry’abarovyi n’abaguzi avuga ko bagiye gushira mu ngiro ivyo basabwe kuko bari bahawe ikiringo gikwiye co kwitegura.
Ba nyene ubwato bakaba bazotanga amafaranga ari hagati y’ibihumbi mirongo itanu n’ibihumbi amajana abiri vy’amarundi. Ayo mafaranga akazoduga bivanye n’ingene ubwato bungana.
Recent Comments