Inyuma yaho bafatiwe nk-abariko baragumuka kunzego zihari z-umugambwe UPRONA, Abadasigana Gaston Sindimwo yigeze kuba icegera ca mbere c-umukuru w-igihugu, Anicet Niyongabo yahora ari umukenguzamateka hamwe na Amb. Isidore Mbayahaga bahejeje kwirukanwa burundu n-abarongoye uwo mugambwe ku rwego rw-igihugu.
Iyo ngingo ishitse inyuma yaho uburongozi bw-uwo mugambwe wa Rwagasore bwari bwashikirije kuruwu wa gatanu w-indwi twaraye turangije ko bugiye gusuzuma ingingo zofatirwa abo badasigana batatu bahejeje kwirukanwa mu mugambwe.
Tubibutse ko Gaston Sindimwo, Anicet Niyongabo na Isidore Mbayahaga bahowe ko baribaherutse kwitwara m-ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu ngo bubatunganirize ku kibazo c-uko inzego z-umugambwe zahari zitakwirikije amategeko kuko ngo ikiringo cazo cari carangiye mu mwaka w-2019 ko hakenewe vyihuta kutunganywa amatora kugira haboneke inzego nshansha. Ariko abarongoye iki gihe uwo mugambwe boba batumva ivyo barerwa n-abo badasigana batatu ariko guhava bagirizwa ko ari abagumutsi mw-uwo mugambwe waharaniye intahe yo kwikukira kw-igihugu cacu.





Recent Comments